Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/07/2022

Publié le 16 juillet 2022 par Rédaction
I. Umwigeme azwi kw’izina rya Aline Kaneza w’imyaka 34 yarishwe akerewe izosi, nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro y’uwu wa gatanu, ku mutumba wa Mugozi, komine n’intara ya Bururi. Uwo mwigeme ngo yategerewe n’abantu bataramenyekana, bamukerera bakoresheje igipanga ageze hafi y’I muhira mu gacimbiri ka Gatanga, kuri uwo mutumba, nk’ukwo inkuru ziva mu muryango wiwe zibivuga, zikemezwa kandi n’igipolisi. Abaharanira agateka ka zina muntu i Bururi co kimwe n’umuryango wiwe basaba ko hokorwa amatohoza kugira abamwishe bahanwe, hisunzwe amategeko. Mu gipolisi i Bururi, bavuga ko abamwishe n’ico bamuhoye bitaramenyekana, ariko umuntu umwe bivugwa ko batahanye n’uwo mwigeme muri iryo joro bava mu gisagara ca Bururi, yamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
II. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu kirwati ca mbere co muri komine Mabanda iri mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe basabwa ku gahato intererano yo kwakira umukuru w’umugambwe CNDD-FDD wo muri iyo komine. Amakuru dukura muri iyo komine amenyesha ko uwutwara imbonerakure zo kuri uwo mutumba, ari kumwe na bagenzi we ari bo bagenda baratoza ayo mafranga. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe intwaro muri iyo ntara, guhagarika ico gikorwa, kuko basanzwe bugarijwe n’ubukene budasanzwe.
III. Imyidogo kandi irahari mu banyagihugu bo muri zone Buruhukiro muri komine n’intara ya Rumonge. Bidogera ingingo yafashwe na musitanteri mu ntango z’ino ndwi, zibuza abunguruza abantu ku mapikipiki gukora inyuma ya samoya z’ijoro. Abanyagihugu bakora imirimo itandukanye kure y’iyo zone, bavuga ko bibaruhisha kuko hariho abagira ibilometero birenga 10 bariko barataha. Bavuga ko batumva igituma iyo ngingo yafashwe kandi umutekano ari wose.
IV. Ikiganiro Kw’īsôko c’uno musi gishimikira ku mizibukiro itahawe bamwe mu bafise amatongo i ruhande y’ikirimba c’umukuru w’igihugu mu Gasenyi.

Ibindi bisa n'ibi