Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/09/2022

Publié le 16 septembre 2022 par Rédaction
I. Uburundi butegerezwa kwiyemeza gutsimbataza intwaro rusangi ari yo demokarasi y’ukuri kandi ihurikiyemwo bose. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatanu n’intumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi Fortuné Gaétan Zongo. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe inyuma yaho yariko ashikiriza icegeranyo ciwe ca mbere mu gisata ca onu kiraba ibijanye n’agateka ka zina muntu.
II. Leta y’Uburundi ikwiye kurekura abantu bose bafunzwe bazira kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca président Nkurunziza, no gukuraho imitahe yose irondera abahakanye ikiringo ca gatatu. Bivugwa na Muganga Yohani Minani arongoye Urunani CNARED. Abivuze inyuma yaho bimenyekanye ko sentare ya Afrika y’ubuseruko yaciye urubanza rwemeza ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cahonyanze amategeko. Yohani Minani agasaba Leta y’Uburundi gutunganya ibiganiro bidakumira, kugira abarundi bave mu ndyane binjiyemwo kubera ico kiringo.
III. Mu muhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi niko babibona. Kubwa Marie Louise Baricako awurongoye, biragaragara neza ko abishwe, abapfunzwe, abafashwe ku nguvu n’abomowe mu gihugu bahorwa kuba barahagurutse kugira baharanire ukuri n’amategeko, ko bakwiye gutunganirizwa kuko bariko baharanira ukuri.
IV. Batakambira ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ico rikoze ngo bakingirwe. Abo n’abo n’abageze mu zabukuru bo mw’ikambi y’impunzi ya Nduta muri Tanzaniya. Mw’ikete bandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU kuri uyu wa kane, abo bageze mu zabukuru basigura ingorane zibabangamiye muri iyo kambi. Bagasaba kujanwa mu bindi bihugu kugira baruhuke ayo bita amakuba, bavuga ko bagorewe muri Tanzaniya.
V. Ibiciro vyo kwiyunguruza leta yashinze bitegerezwa kwubahirizwa mu ntara yose ya Rumonge. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu mu nama abajejwe intwaro mu ntara no muri komine n’intara ya Rumonge, bakoresheje abunguruza abantu n’ibintu. Abiyunguruza bo barabishima ivyavuye muri iyo nama. Ariko, abakora uwo mwuga bo bavuga ko ikibazo kiri ku bitoro kugeza ubu bitaraboneka mu Rumonge.
VI. Abashingwamanza na bo nyene barakurikiranwa iyo bishitse bagafasha mu vy’ibiturire. Vyemezwa na Sébastien Ntahoturi, arongoye urwego rw’abashingwamanza i Gitega. Yabivuze kuri uno wa gatanu, mu bikorwa vyo kwugurura umwaka w’akazi k’abashingwamanza, vyateguwe n’urwego rw’i Gitega rwifatanije n’urw’i Bujumbura.

Ibindi bisa n'ibi