I. Amezi ane araheze umunywanyi w’umugambwe CNL Jean Claude Niyongabo agandaguriwe i Giharo mu ntara ya Rutana. Umuryango wiwe uridogera parquet yo muri iyo ntara ya Rutana, ukavuga ko iyo sentare iriko irakwega amaguru kugira iburanishe urwo rubanza, abishe uwabo bakubitwe intahe mu gahanga, bongere bishure amabi bakoze.
II. Mu ntara ya Kayanza, abanyagihugu bo ku misozi ine ya komine Gatara baramaze umwaka urenga ata mazi baronka mu mabombo rusangi, bitewe n’uko isoko ayo mazi yaturukamwo ryakamye. Ivyo rero ngo bituma abo banyagihugu batoroherwa mu kuja kurondera amazi mu myonga, aho bagira ingendo zirezire. Bakaba bafise amakenga y’uko bashobora kuhandurira indwara zituruka kw’isuku rike.
III. Abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko baherutse guhindurirwa imyambaro bahabwa imyambaro ya gisirikare y’igihugu ca Congo. Imyambaro bahorana y’igisirikare c’Uburundi ikaba yaragarukanywe i Bujumbura mu mpera z’indwi iheze. Imvo zatumye bahindurirwa iyo myambaro zikaba zitaramenyekana.
IV. Ikiganiro Kw’īsôko c’uno musi gishimikira ku cegeranyo c’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, icegeranyo cerekana ingene umugwi w’igihugu w’agateka ka zina muntu ukora.