I. Hazindutse umutekano muke, muri komine Matana intara ya Bururi, kubera urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, rwazindutse rutera rwipanga, kugira rubuze iyugururwa ry’ingoro y’umugambwe CNL. Ni mugihe umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa, yari aramutse aja kwugururayo ingoro y’uwo mugambwe muri komine ya Matana. Ivyo bikaba vyaneguwe cane n’abari bitavye ico gikorwa.
II. Umunyororo agira gatatu yakuwe mwibohero rya Ngozi, kuri uyu wa gatandatu, ajanwa ahantu hataramenyekana, hari nk’igihe c’isaha 9 z’umuhingamo. Bayubahe Isidore, yahagaritswe n’abapolisi bacungera iryo bohero ry’i Ngozi. Amakuru ava ngaho i Ngozi akavuga ko yatwawe n’imodokari y’iperereza, bakaba bamutwaye aboshe. Ihagarikwa ryiwe, rikaba ribaye inyuma y’ihagarikwa rya adjudent-chef Nimubona Ildefonse ku musi wa kane, Claude SERUHUNGO nawe akaba yafashwe ku musi wa gatanu. Igituma bafatwa, bagakurwa mw’ibohero ntikiramenyekana, eka n’ikibanza baja gufungirwamwo ntikiramenyekana. Umushikirizamanza mukuru wa parquet y’i Ngozi, akaba ariwe avugwa kuba ari inyuma y’iryo kurwa ry’abanyororo mw’ibohero ry’i Ngozi.
III. Abategetsi babiri, bo mu gisata cerekeye ivyo kumenyesha amakuru, ntibavuga rumwe ku bijanye n’ikibazo co gushika aho umumenyeshamakuru aronderera inkuru. Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, asa n’uwuvuguruza uwurongoye urwego CNC rwo kugenzura ivyo kumenyesha amakuru. Ivyo bimeze uko, mu gihe ico kibazo co gushika ahari inkuru, arico catumye abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu n’ umushoferi wabo bafungwa, bakaba uno musi bakwije imisi 26 bafungiwe mu ntara ya Bubanza.
IV. Amajambo ahushanye yabo bategetsi kw’ifungwa rya bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu bapfunzwe, afise intumbero yo kuyovya Abarundi n’amakungu. Bishikirizwa na Jérémie Minani, umunyepolitike ari mu buhungiro, akaba anavugira urunani CFOR-ARUSHA.
V. Sentare nkuru y’i Muyinga, mu ntahe yayo y’ikibiriraho yo ku musi wa gatanu, yarahaye igihano co gufungwa ubuzima bwabo bwose, abagabo babiri bo ku mutumba, Cagizo, komine Butihinda, mu ntara ya Muyinga, bagiriwe n’icaha co kwica umuntu, uwundi agira gatatu nawe yambikwa izera, nk’uko amakuru radio Inzamba yakuye i Muyinga avyemeza. Eric Kibinakanwa na Alexis Majambere, umushikirizamanza akaba yabagiriza ko, mw’ijoro ryo ku wa 6 Munyonyo, bagandaguye uwitwa Bumari Sotaire, inyuma y’impari zari zifatiye kuvya politike. Muri urwo rubanza nyene, sentare ikaba yarambitse izera uwitwa Leonidas Nteziryayo, batazira Condo, nawe nyene yarafunzwe yikekwako ico caha. Abo bagabo babiri baciriwe umunyororo wo guherayo, ngo bakaba ari abanywanyi b’umugambwe CNL, uwitavye Imana nawe akaba ngo yari umuyoboke w’umugambwe CNDD-FDD.
VI. Impunzi ziri mw’ikambi y’i Nyarugusu, zirahimirizwa gutahuka kuko ngo mu Burundi hari amahoro. Ivyo ni ivyashikirijwe n’abari baramutse bagendera iyo kambi kuri uno wa gatandatu, nabo akaba ari komiseri ajejw’impunzi muri Tanzaniya hamwe na musitanteri wa komine Kasulu. Kubw’impunzi z’abarundi, iyo nama yarigamije kubatera ubwoba. Akaba ata n’umwe aserukira ishirahamwe ryitaho impunzi HCR yari muri iyo nama.
VII. Mu kigabane kw’Isoko co mu runani rw’ama radiyo tugaruka ku bihano vyo gukubita inkoni abanyeshure kandi ico gihano carahagaritswe n’itegeko ry’ubushikiranganji bw’indero mu Burundi. Mugishikirizwa na Parfait Mudasigana.