Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/11/2020

Publié le 16 novembre 2020 par Rédaction
I. Abegereye imiryango y’abantu babiri bafashwe igikubikubi muri zone Maramvya, ya komine Burambi, mu ntara ya rumonge, iratewe amakenga no kubona kugeza ubu batazi aho bapfungiwe. Basaba ko abo bantu borekurwa, kuko ataco bariko barazira.
II. Umushingwamanza Gustave Niyonzima yanonosoye ibijanye n’amategeko, ariyamiriza iryo pfungwa rinyuranye n’amategeko. Agasigura ko gupfunga abantu mu gasho ka commissariat y’igipolisi ntibarengutswe imbere y’ubutungane, biboneka y’uko abo bantu bahagaritswe ku mvo za politike, atari uko bakoze ivyaha.
III. Ntitwokwibagira bagenzi bacu 4 b’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa mbere, iminsi 392 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.
IV. Umusore yarazwi kw’izina rya Edmond Ntirampeba w’imyaka 17, yaraye yitavye Imana, akubiswe n’inkuba, abandi bagera kw’icumi barakomereka. Ivyo bikaba vyabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, ku musozi Rubungu, komine Rango y’intara ya Kayanza. Hakaba hari mu gihe hariko hagwa imvura ivanze n’imituragaro. Amakuru ava aho mw’i Rango akavuga ko ivyo vyabaye mu gihe abo bantu bari mu bikorwa vy’umuhari wa Katolika « KIRO », aho bariko bategura umusi mukuru wa Kristu Mwami uzoba ku musi w’Imana w’iyi ndwi dutanguye. Ayo makuru nyene akabandanya avuga ko uyo yitavye Imana, yaciye afubwa, abakomeretse nabo bakaba bariko baravurigwa kw’ivuriro rya Gikomero riri muri komine Rango, hamwe no mu bitaro vyo muri komine Mutaho, yo mu ntara ya Gitega.
V. Abana barenga 150 babangamiwe n’indwara zivuye ku gufungura nabi, nibo baharurwa mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta, ni mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyo bitigiri vyagaragaye kuva mu kwezi guheze kwa Gitugutu. Abavyeyi basigura ko izo ndwara ziva ku gufungura nabi, zaturutse kw’igabanywa ry’indya ririko rirakorwa n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR, muri iyo kambi.
VI. Intsinzi y’Intamba Mu Rugamba imbere ya Mauritaniya yatumye umwizero wo gusubira mu gikombe ca Africa ugaruka. Ariko rero abakinyi ba Jimmy Ndayizeye bategerezwa gutsinda Centrafrique mu kwezi kwa gatatu umwaka uza wa 2021, bakanizera ko Mauritaniya itsindwa na Maroc, kugira amahirwe yo kuja mu nkino za CAN 2021 yiyongere.

Ibindi bisa n'ibi