I. Umugambwe CNDD-FDD uremanga ko ari wo wagandaguye bamwe mu bo bari basangiye urugamba mw’ishamba. Vyashikirijwe na Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, mu birori vyo gutanguza indwi yahariwe umugwanyi. Hari kuri uyu wa kabiri ku wa 16 Munyonyo mu ntara ya Bubanza, ahari icibutso c’abo bagandaguwe. Karori Nditije arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega, avuga ko ivyo bije kugaragaza ko abantu bicwa mu Burundi bicwa n’ubutegetsi bubi bw’abagifise agatima ko mw’ishamba.
II. Ibikorwa vyo gusozera indwi yahariwe abarwanyi ba CNDD-FDD bizobera i Bugendana mu ntara ya Gitega ku musi wa gatandatu. Bikazobera ahiciwe abateshejwe izabo barenga amajana atandatu bahorwa ubwoko bwabo. Muri AC-Génocide babona ko ari ugutamba ku muvyimba no gukindaga imiryango y’abacitse kw’icumu muri ico gihe, nkuko bivugwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga wa AC-Génocide igisata ca Canada. Abona ko uyo wese azokwitaba ivyo bikorwa azoba yerekanye ko ashigikiye ubwicanyi bwakorewe abantu bazizwa uko bavutse.
III. Ivyo birori vy’umugambwe CNDD-FDD birafise ingaruka mbi ku banyagihugu atari aba CNDD-FDD kuko abanywanyi b’iyindi migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD mu ma komine y’intara ya Cibitoke baridoga, ko bariko baratozwa amafaranga ku karenganyo. Ayo mafaranga atangwa nk’intererano yo guhimbaza umunsi mukuru w’abagwanyi mu mugambwe uri ku butegetsi, ari hagati y’ibihumbi bibiri n’ibihumbi cumi. Abo banyagihugu bagasaba ko abatoza ayo mafaranga botumbera abegwa n’urwo rubanza.
IV. Umuntu umwe yaraye yishwe ari mu kirabo co ku mutumba Mwange, zone Kizuka, muri komine n’intara ya Rumonge. Ivyo vyabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, nk’uko amakuru ava muri iyo komine abivuga. Uwo yishwe ataramenyekana izina, akaba yari umuntu w’umugabo. Uwamwishe akaba yarahagaritswe n’igipolisi ubwo nyene, ajanwa gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge, nk’uko amakuru ava kuri uwo mutumba wa Mwange abandanya abivuga. Abandi bantu batanu bakaba bahagaritswe kuri uno wa kabiri, ku mvo z’ayo matohoza.
V. Umunywanyi w’umugambwe CNL yatwawe mu gitondo c’uwu wa kabiri n’abakozi bo mu biro bikuru vy’iperereza babanje gusaka muhira iwe muri komine Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava ngaho mu Ngagara avuga ko abamufashe ata rupapuro rumuhagarika bari bafise bita mandat, kandi ko babanje kumusaba amafaranga akayabura, imbere y’uko baca bamutwara mu kibanza kitaramenyekana. Uyo akaba yiyongereye ku rutonde rw’abandi bamaze imisi batwarwa muri ubwo buryo, bakaburwa irengero.
VI. Ku bw’umugambwe CNL, abantu baguma banyuruza abanyagihugu harimwo n’abatavuga rumwe na leta, ngo bitebe bitebuke intahe izobakubita mu gahanga. Ivyo bishikirizwa na Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL mu bihugu vya Bulaya. Agasaba abarundi bose n’abatari mu mugambwe CNL gufatana munda.
VII. Abarwanyi 19 b’umuhari Red Tabara bashikirijwe leta y’Uburundi n’igihugu c’Urwanda mu kwezi kw’indwi guheze, bagiye gushirwa imbere y’ubutungane bw’Uburundi. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane Pierre Nkurikiye, kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Uwitwa Alain Bashirahishize akaba ari we agaruka mu bavugwa mu bitero bimwe bimwe vyabaye mu Burundi, akaba yapfiriye mu Kinindo mu kwezi kw’indwi.
VIII. Igisirikare c’Uburundi gisaba ko abasirikare bariko baraheba akazi bogarukanwa na benewabo basanzwe bazi aho baba. Ubwo ni bwo butumwa bwahawe abasirikare n’abarongoye abandi, mu ndwi iheze, igihe abategetsi mu biro bikuru vy’intwaramiheto bagendera intara za gisirikare zitandukanye bita divisions. Abasirikare na bo barashikirije ibibazo vyabo, harimwo abarenganijwe mu kuronswa ama pete be n’ukurungikwa mu butumwa bwo kugarukana amahoro.
IX. Umwimbu udashemeye wabonetse ni kimwe mu bituma ibiciro ku masoko biguma biduga muri iki gihe. Aho ni cane cane ku bifungurwa. Uwo n’umwihwezo wa Faustin Ndikumana, yanonosoye ivy’ubutunzi, akaba n’umukuru wa PARCEM ishirahamwe ryishinze guhimiriza abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe, hamwe umwimbu wokwongererezwa, leta nayo igafata ingingo zorohereza abarangurira ibiribwa inyuma y’igihugu, vyotuma ibiciro bigabanuka.
X. Harangwa isuku rike ku bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Kayanza. Ivyo bikava aha nini ku bantu iyo bariko bararengana mu mabarabara bihagarika aho babonye, abandi bagata imicafu aho baciye. Abanyagihugu baba muri ivyo bice bakaba batewe ubwoba n’uko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike.
XI. Mu gisagara ca Rumonge havugwa ukutumvikana hagati y’abunguruza abantu n’ibintu ku mapikipiki hamwe n’igipolisi. Mu gihe bari biyemeje ko batazosubira gutwara abantu barenga umwe, batanguye kubirengako ata n’indwi irahera. Mu gipolisi bakaba batanguye gufata ayo mapikipiki, bashira mu ngiro ibihano bemeranije hagati yabo, igihe haba inama yabahuje.