Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/11/2022

Publié le 16 novembre 2022 par Rédaction
I. Inkuka ya misa ni yo yatanguje indwi yahariwe umugwanyi kuri uyu wa gatatu. Iyo misa ikaba yabereye muri sikirisari yo mu gifungwe intara ya Bubanza, inyuma y’imisa hakaba hakurikiye urugendo rwatwaye abari bitabiriye ivyo birori ku cibutso cahariwe umugwanyi muri iyo komine nyene. Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD akaba yari yitabiriye ivyo birori, aho yamenyesheje ko ari kwibuka abaguye ku rugamba atibagiye n’abarongozi babo.
II. Imyaka ibaye 19 CNDD-FDD ukiri umuhari urwana usinye amasezerano yo guhagarika ingwano na leta y’Uburundi yatwara ico gihe, hari kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2003. Inyuma y’iyo myaka intwaro ya demokrasi uwo mugambwe uvuga ko waharaniye ntiyigeze itera intambwe. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha ruharanira amasezerano ya Arusha, abona ko abagiye ku rugamba rwo kugwanira demokrasi mu Burundi bataye nyabuna umwanya.
III. Abantu 8 harimwo abapolisi 3 ni bo bafashwe ku musi wa kabiri, mu bibanza bibiri bitandukanye baca batwarwa mu gasho k’igipolisi ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, bakekwako ubusuma nk’ukwo amakuru atandukanye ava mu bibanza bafatiwemwo avyemeza. Abo bapolisi bakaba bari bataye ikirindiro bihereza imitumba itari muri komine basanzwe bakoreramwo, nk’ukwo isoko ryacu rivyemeza.
IV. Abanyororo bapfungiwe mu gasho ka commissariat y’igipolisi mu ntara ya Gitega baridoga ko bapfunzwe mu buryo bubi cane. Ako gasho k’imetero zitatu kuri zitatu karimwo abanyororo barenga ijana bakaba batagira naho bituma.
V. Amafranga angana imiriyoni mirongo ine z’amafranga y’amarundi (40.000.000 Fbu) ari mw’ikonti ry’urunani rw’amashirahamwe y’abarovyi yari agenewe kubaka utuzu twa surwumwe ku nkengera z’ikiyaga Tangayika, agiye gukoreshwa ibindi. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Munyonyo, aho yari yagendeye abarovyi bo mu ntara ya Rumonge. Arongera akamenyesha ko ata shirahamwe na rimwe canke koperative irekuriwe gutoza amafranga canke igice c’umwimbu w’amafi. Iyo ngingo akaba yayifashe mu gihe urunani rw’abarovyi n’abadandaza amafi badasigura kumwe ibijaye n’amafranga atozwa ku barovyi.

Ibindi bisa n'ibi