Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/12/2019

Publié le 16 décembre 2019 par Rédaction

I. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo mu muri komine, n’intara ya Rumonge. Inyuma y’ingingo zafashwe n’abajejwe intwaro, zo kubuza abatembereza ibidandazwa bimwe bimwe hamwe n’abakorera mu mitaka, gukorera mu gisagara, bavugako ubukene bubandanya kwiyongera kubera iyo ngingo imaze indwi ishizwe mu ngiro.

II. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, aremera ko hariho itegeko rirekurira urudandazwa rwa magendo ariko ngo abarongoye intwaro barashobora gufata ingingo yo guhagarika urwo rudandazwa ku mvo z’umutekano. Gaston Sindimwo akaba yabishikirije kuri uno wa mbere, mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bukukira ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu nama nshingamateka.  Ivyo akaba abivuze inyuma y’aho buramatari w’intara ya Rumonge afatiye ingingo yo guhagarika bene urwo rudandazwa mu gisagara ca Rumonge.

III. Ububare 7 nibwo bugiye kwugarwa mu kiringo c’indwi zibiri, nayo ububare 2 bukazorihishwa ihadabu kuko bwabandanije gucuruza mu masaha arenze isaha zitatu z’ijoro zashinzwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, mu ntumbero yo kumenyesha ingene ingingo ziherutse gufatwa ziriko zishirwa mu ngiro n’intambamyi abajejwe gushira mu ngiro ayo mategeko boba baragize. 

IV. Nta nyishu iraboneka ku ngorane y’ubukene bw’ibifungurwa n’uburaro budashemeye ku barundi barenga igihumbi, baheruka kujanwa mw’ikambi y’impunzi ya Mulongwe, mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abo barundi bamaze indwi irenga bataronswa ibifungurwa.  Amashirahamwe afasha impunzi yari yemeye ko ico kibazo agiye kugitorera inyishu ariko bararindiriye amaso ahera mu nzira.

V. Bamwe mu mpunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’i KAKUMA mu gihugu ca Kenya, baridoga ko bamara igihe kinini batararonswa impapuro z’impunzi kugira bashobore kuronka ivyo bahabwa n’amategeko. Bamwe muri izo mpunzi bahungiye muri iyo kambi mu mwaka w’2010, abandi nabo bakaba bahahungiye kuva mu mwaka wa 2015. Basaba ishirahamwe HCR na leta ya Kenya guhimiriza ababijejwe ngo babatunganirize, bashobore kuronka ivyo amategeko abarekurira nk’impunzi.

Ibindi bisa n'ibi