I. Abantu batatu bitavye Imana, abandi bane barakomereka bikomeye. Hakaba ari mw’isanganya ryabaye ku mutaga wo kuri uwu wa kabiri, ku musozi Rurenda, komine Rutegama, n’intara ya Muramvya. Inkuru ziva aho habereye isanganya zikavuga ko bagonzwe n’imodoka y’igipolisi, mu gihe yari ku muvuduko munini. Amasanganya atewe n’umuvuduko w’abadereva akaba kenshi yama yabaye muri ako karere.
II. Igice ca mbere c’uku kwezi kwa Kigarama caranzwe n’ubwicanyi mu mihingo itandukanye y’igihugu. Abantu 11 ni bo bishwe, abandi bane barakomereka cane. Abo ni abo uruganda rwo kumenyesha amakuru rwa radiyo Inzamba Agateka Kawe rwashoboye kumenya.
III. Kuri uwo murindi w’ubwicanyi wasubiye kugwira mu Burundi, mw’ishirahamwe FOCODE bavuga ko ari ingaruka zo kudahana. Me Janvier Bigirimana, umunyamabanga w’iryo shirahamwe riharanira agateka ka muntu, avuga ko amakenga ari menshi kuko iyo ngendo yamaze kuzingamika igisata c’ubutungane bw’Uburundi.
IV. Inama nkenguzamateka kuri uno wa gatatu yemeje abagize umugwi mushasha wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Valentin Bagorikunda yigeze kuba umushikirizamanza kizigenza wa Republika, niwe yemejwe kurongora Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Icegera ciwe ni Ntahomvukiye Emmanuel yahora ari umushikiranganji wo kwivuna abansi. Abandi bagize uwo mugwi ni Nkurunziza Liboire, Habonimana Jeanne, Ntibazonkiza Salvator, Mbayahaga Bède na Jean Pierre Amani.
V. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC akaba yahoze arongoye sendika SYMABU ihurikiyemwo abacamanza, avuga ko ata gitangaje kubona umuntu nka Valentin Bagorikunda azwi cane mu ruhara yagize mu gutoteza amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, no kwegeka bamwe mu bari mu nzego z’umutekano ko bashatse gutembagaza ubutegetsi, bamugena mu mabanga nk’ayo. Vital Nshimirimana akavuga ko ari no mu bafashe iya mbere mu kwiyamiriza ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Abona ko Valentin Bagorikunda bamuhaye ico kibanza kugira bamushimire.
VI. Ishirahamwe rukristu ACAT Burundi ririyamiriza ihohoterwa n’ifatwa nabi ry’abapfungwa mu mabohero ya MPIMBA na MURAMVYA, na cane cane abapfungiwe imvo za politike. Mu cegeranyo c’iryo shirahamwe c’ukwezi kwa cumi na rimwe, umushingwamanza Ntiburumunsi Jean Claude ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, amenyeshako hari n’ikibazo co kuvuza abapfungwa. ACAT Burundi ritunga agatoki muri ayo mabi abarongoye amabohero, abakozi b’iperereza hamwe n’abapfungwa bayoboka umugambwe CNDD-FDD.
VII. Abamenyeshamakuru bababa 400 barafunzwe kw’isi, 59 n’abamenyeshamakuru bo ku mugabane wa Afrika, muri abo harimwo 4 b’ikinyamakuru Iwacu. Icegeranyo c’ishirahamwe RSF casohotse kuri uyu wa mbere, kivuga ko bwabaye uburyo bw’ama leta bwo kubuza abanyagihugu ubwigenge bwo kumenya no gushikiriza ivyiyumviro vyabo. Arnaud Froger ajejwe igisata ca Afrika avuga ko batewe amakenga n’iyo nyifato y’ama leta ibangamiye umutekano w’abamenyeshamakuru. Agahamagarira ama leta kwubahiriza umwuga w’ukumenyeshamakuru.
VIII. Igipolisi caraye gifashe igunira ryuzuye imiti ku muhana w’umudandaza. Vyabaye kuri uyu wa kabiri ku musozi Gitwenzi, komine Ntega, intara ya Kirundo. Iyo miti isanzwe ihabwa ku buntu abagiye kwivuza ku mavuriro. Abanyantega bagasaba amatohoza kugira hamenyekane abafise uruhara muri urwo rudandazwa rwa magendo.
IX. Ubwoba ni bwinshi ku bantu baba mu gisagara ca Kayanza, kuva aho kuri uwu wa kabiri, hari umugabo yinjijwe ibitaro ibipimo bimaze kwerekana ko arwaye umugera wa Covid19. Inkuru ziva mu begereye uwo mugabo asanzwe aba aho bita kw’i hangari mu gisagara ca Kayanza nyene, zimenyesha ko atashizwe mu kato avuye mu gihugu ca Kenya.