Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/12/2022

Publié le 16 décembre 2022 par Rédaction
I. Abantu babiri nibo baraye bitavye Imana, abandi 15 barakomereka inyuma yo gukubitwa n’inkuba ku muhingamo wo kuri uno wa kane. Ivyo vyabereye ku mitumba ya Gahemba na Kigamba yo muri komine n’intara ya Ruyigi. Abakomeretse bahavuye bajanwa kuvurizwa mu bitaro vy’aho mu Ruyigi. Muri komine ya Nyabitsinda na ho imvura y’igihuhusi yaguruye amazu yonona imirima. Abantu bababa 200 bari mu kangaratete.
II. Kuri uno wa kane niho umushingwamanza Tony Germain Nkina yahoze ari umukozi w’ishirahamwe APRODH mu ntara ya Kayanza yarenguka muri sentare isubiramwo imanza i Ngozi. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho sentare ntahinyuzwa ifatiye ingingo yo gusubiza inyuma urwo rubanza kugira ngo hatosorwe amahinyu ari muri rwo. Ishirahamwe Human Rights Watch rirashima iyo ngingo, rigasaba ko Germain Nkina yorekurwa.
III. Ibanki Ecobank Burundi iragirizwa gutanga ibiturire mu rubanza ruyihuza n’umuryango wa Vincent Niyubuntu. Ababanyi b’uyo muryango babivuga bafatiye kuri bimwe bimwe, cane cane nk’ukubona uyo muryango uyisaba kuyishura amafranga imilioni 175 yarasigaye kugira abo uyo muryango wari watije impapuro z’inzu ideni rihere ariko iyo banki iravyanka. Ikindi na co iyo nzu ibanki ishaka kuyidandaza ku giciro kiri hasi cane. Igitera amakenga abo babanyi n’uko bamwe mu bari bagize urunani rwatijwe izo mpapuro ataco binona, kandi aribo basavye iryo deni, ariko Ecobank ikaguma ishaka gufata iyo nzu y’uwatije impapuro. Amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu aremeza ko iyo dossier izwi kandi yarikiriko irigwa.
IV. Ukutumvikana hagati y’abagize umugwi wo gutohoza ku kutumvikana kuri hagati y’inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac hamwe n’abarongoye iyo nama, kwatumye vyanka ko bahuriza ku cegeranyo giheza ayo matohoza. Bamwe mbere mu bagize uwo mugwi bakaba bahavuye banka gutera umukono kuri ico cegeranyo, kubera bamwe bagomba guhengama.
V. Muri komine ya Kayogoro, imyidogo ni myinshi ku banyagihu. Ni mu gihe bataronswa impapuro bakenera iyo bagiye kuzisaba muri iyo komine. Bavuga ko iyo bituye uwurongoye iyo komine vy’imfatakibanza, ababwira ko hari ivyo adafitiye uburenganzira. Ivyo biri ukwo kuva aho inama mpanuzwajambo ya komine ihagaritse uwahoze ari musitanteri w’iyo komine, kuva kw’igenekerezo rya gatanu Munyonyo uno mwaka. Abo banyagihugu bagasaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, gutorera umuti ico kibazo kuko iyo komine ya Kayogoro iriko irahomba, na rirya abo bose barondera impapuro baba bazanye amahera yinjira mw’ikomine.

Ibindi bisa n'ibi