Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/01/2022

Publié le 17 janvier 2022 par Rédaction
I. Kuri uno wa mbere, impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Lusenda mu gihugu ca leta iharanira demokrasi ya Congo, ntizashoboye kuja gukorera mu mirima yabo iri mu micungararo y’iyo kambi, nkuko bari basanzwe babigira  kuva mu gatondo. Hirya no hino hakaba hari inyandiko z’abo bita aba Maï-Maï, zibabuza kuja muri iyo mirima badatanze amafaranga. Ivyo bikaba vyateye uruhagara n’ubwoba bwinshi izo mpunzi.
II. Urunani CBDH-VICAR rukurikiranira hafi ibibazo vy’impunzi z’abarundi ziba mu ma kambi muri kano karere rurarajwe ishinga n’ibiriko birashikira izo mpunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Lusenda. Rusaba leta ya Congo n’ishirahamwe HCR kuronderera izo mpunzi ikindi kibanza kirimwo umutekano. Léopold Sharangabo, ni icegera c’umukuru w’urunani CBDH-VICAR.
III. Hari abantu babiri bagendesha ipikipiki yunguruza abantu mu gisagara ca Kirundo bafungiwe mu gasho k’igipolisi, kuva ku wa kane w’indwi iheze. Umwe muri bo yagirizwa ko yafatanywe igitoro kiri mu kabido, uwundi nawe yafashwe azira ko yanse ko mugenziwe atorenganywa, mu gihe abapolisi bariko baramufata. Uwurongoye igipolisi c’inyamiramabi mu Kirundo bikavugwa ko ariko asaba igiturire kugira abo bunguruza abantu barekurwe.
IV. Imyidogo ni myinshi mu bacamanza bo mu ntara ya Rutana, aho umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara, yitorera abacamanza basasa ku rubanza ruba rutegekanijwe muri sentare, na cane cane iyo ari urubanza rw’ abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Nk’uko isoko rya radiyo Inzamba muri iyo ntara ribivuga, uwo munyabanga w’umugambwe CNDD-FDD aheruka gutanga itegeko ry’uwugena abasasa mu ntahe y’urubanza rw’uwurongoye umugambwe CNL muri komine Giharo.
V. Mu makuru ajanye n’inkino zabaye mu mpera z’iyinga tudasize inyuma n’inkino z’igikombe ca Africa ziriko zibera mu gihugu ca Cameroun. Duhereye mu Burundi, umusi ugira uwa 17 w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru kuri uno w’Imana niho yasozerwa, umugwi wa Bumamuru uri mu kibanza ca mbere ukaba utariko uravyitwaramwo neza mu nkino zo gusubiriza. Mu gikombe ca Afrika naho imigwi ya Cameroun, Nigeriya na Maroc ni yo yonyene imaze gushika mu gice c’umunani gishira ica nyuma, icerekana ko inkino za gatatu zitangura kuri uno wa mbere zizoba zikomeye.

Ibindi bisa n'ibi