I. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu buherutse gutumira abaserukira ibihugu vyabo ngaha mu Burundi, mw’ikoraniro risanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD ritegekanijwe kubera mu ntara ya Gitega kw’igenekerezo rya 22 uku kwezi turimwo. Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba n’umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta ihurikiye muri CFOR-Arusha, aranegura ico yita ingendo yo gukoresha igikenye muri ubwo butumire. Asigura ko mu bisanzwe ari umugambwe wo nyene witumirira abatumire harimwo n’abo baserukira ibihugu, utarinze guca mu bushikiranganji.
II. Abanyagihugu bo muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke baridoga ko abadandaza bikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI. Ibiza gusongera isibe ku bukene baba basanganywe. Basaba abajejwe intwaro guhagurukira ico kibazo no guhana abadakurikiza ibiciro vyashinzwe n’ishirahamwe BRARUDI.
III. Ibanki nkuru y’igihugu BRB yahaye uruhusha rudasanzwe amwe mu mashirahamwe n’ibigo bitanga ingurane, ko ashobora kurenza amafranga akura kuri konte canke ashira kuri konte hatisunzwe ingingo nshasha yaheruka gufata. Ayo mashirahamwe akaba ari ama banki manini canke mato mato bita bita microfinance hamwe n’amazu avunja amafranga. Umuyobozi mukuru w’ibanki BRB Dieudonné Murengerantwari akaba yabimenyesheje kuri uyu wa mbere abicishije mu rwandiko yashize ahabona rugenewe abarongoye bene ivyo bigo n’amashirahamwe.
IV. Hari umwana yiga kw’ishure ryisumbuye rya Gasenyi muri komine ya Gahombo intara ya Kayanza, ariko arahohoterwa na Musitanteri wa komine ya Ngozi aho avuka. Uno yamwatse urupapuro rw’amavuko, ararubika amubwira ko atavuka muri iyo komine arongoye. Uwo mwana yaciye adebukirwa araheba ishure, akibaza ko uyo musitanteri yafumbatishijwe na ba inarume bagomba ntatorane ku vyo se yasize.
V. Inama yo gutegura imyimenyerezo ya gisirikare bita Ushirikiano Imara 2023 y’akarere ka afrika y’ubuseruko iriko irabera mu gihugu c’Urwanda kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Nzero 2023. Ikaba yitabwe n’abaserukira ibihugu vy’akarere ka EAC, ikaba kandi izobera mu gihugu c’Urwanda mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka. Abategetsi b’igisirikare c’Urwanda bakaba bariyemeje kuzokora ibishoboka vyose kugira iyo myimenyerezo izogende neza, ishobore gushika kw’ihangiro ryaho yo gutorera hamwe inyishu ku bibazo vy’umutekano bishobora gushikira kano karere. Imyimenyerezo y’uyu mwaka ikaba ibaye ku ncuro ya 13.