-
Igwirirana ry’abanyeshure, ukubura ibikoresho mfashanyigisho ni bimwe mu bihanze igisata c’indero muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Inkurikizi ngo ni umwimbu muke wibonekeza mu mashure kuko abigisha bibagora gukurikirana abana, mu gihe ishure rimwe rishobora kurenza abana 150. Basaba abarongoye indero kugabanya ubwinshi bw’abanyeshure mu kugwiza ibi lasi no kwongereza ibikoresha mfashanyigisho hari mwo ibitabu kuko kimwe conyene giangirwa n’abanyeshure bane canke batanu.
-
Abakozi b’amashirahamwe atatu yo gutomboza mu mikino itandukanye bakoresheje amafaranga bavuga ko bariko bararenganywa iv’agashinyaguro. Ayo mashirahamwe amaze amezi ane yugawe, ico gihe cose bakaba badahembwa. Ariko bagatangazwa no kubona hari ayandi mashirahamwe bakora bimwe yo yemerewe gukora. Bagatinya ko bo bahorwa ko ababatwara ari abanyamahanga bagira banyagwe utwa bo.
-
Ingingo yafashwe na leta y,uburundi yo kw,ugara imipaka uburundi buhana n,igihugu c,urwanda nta kintu na kimwe bifasha uburundi n,abarundi ahubwo iyo ngingo yatumye n,ivyahuha bihuhuka.Ivyo biri murwandiko umuhari Map Burundi Buhire warungikiye umukuru w,igihugu Evariste Ndayishimiye ,Emery Pacifique Igiraneza umukuru wa Map Burundi Buhire avuga ko atanvo nimwe ihari yotuma uburundi bw,ugara iyo mipaka itunze abarundi benshi n,abanyarwanda bari basanze bafitaniye imigenderanire idasanzwe.
-
Umukuru wa Map Burundi abona ko ingingo yafashwe na leta y,uburndi yo kwugara imipaka yafashwe gihutihuti kuko hasanzwe hari8ho n,amasezerano yateweko igihumu n,ivyo bihugu uko ari bibiri k,ubijanye n,uruja n,uruza rwabantu,Pacifique igiraneza abona ko hari kubanza kuba ibiganiro hagati y,intumwa zivyo bihugu uko ari bibiri.
-
Tuje mugisata c,impunzi,Abakongomani barenga 25 bo mu bwoko bw’abanyamulenge nka bose bagizwe n’impunzi zizwi ko ziba mw’ikambi ya Kinama muri komine Gasorwe, mu ntara ya Muyinga nibo baraye basabwe kuva mur’ico gisagara mu kiringo c’amasaha 24 bagasubira iyo baje bava, nkuko amakuru ava mu ntwaro avyemeza. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’abajejwe intwaro k’ugwego rw’intara inyuma y’umukwabu wagizwe k’umusi w’ejo n’igipolisi gifadikanije n’intwaro.
-
Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka muntu baba mu makambi y’impunzi CBDH VUCAR riratabariza impunzi ziba mu gihugu ca Tanzaniya ko hari umurwi ukorera iperereza ry’u Burundi warungitswe mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya bigira impunzi. Intumbero ngo niyo gufata abo bitako batavuga rumwe na leta y’i Gitega, babanje kubagiriza yuko bakorana n’umuhari urwana Red Tabara, kugira bace batahukanwa mu gihugu. Muriryo shirahamwe baributsa amabi nkayo yakozwe mu mwaka w’2020 aho impunzi nyinshi zanyurujwe izindi zijanwa i Bujumbura n’abakozi b’iperereza hahonyanzwe amategeko. Vyizigiro Jean Bosco, ajejwe kumenyesha amakuru muri CBDH VICAR, ahamagarira leta kuvavanura niyo ngendo yo kubandanya batoteza impunzi, nyabuna bihutire gutora inyishu kubibazo vyotuma impunzi zitahuka.
-
Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire amakuru y,inkino z,umupila w,amaguru,Ku munsi ugira wa 4 ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kigira 34 ziriko zibera mu gihug ca Cote d’Ivoire, kuri uyu wa kabiri Igihugu ca Tunisie catsinzwe na Namibie ku gitsindo kimwe ku busa. Namibie mbere abakunzi b’inkino babona ko ari wo murwi woroshe kurusha iyindi yose mu muce E. Muri uwo muce E nyene, Mali yatsinze bitayigoye igihugu ca Afrika y’epfo ibitsindo bibiri ku busa, gutyo mbere umurwi wa Mali ukaba waciye uja kw’isonga muri uwo muce E. Ibitsindo vya Mali bikaba vyatsinzwe na Traoré be na Sinayoko. Aha mukamenya ko Mali imaze gushika mu nkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma muri mwene izo nkino incuro 6, yongera ishika mu rukino rwanyuma rimwe. Mu muce D naho, kuri uyu wa kabiri nyene, Burkina Faso yatsinze bigoranye Muaritanie kimwe ku busa, igitsindo ca Burkina Faso cabonetse mu mwanya wagasunuzo kuri Penalty yatewe n’umukinyi Bertrand Traoré.