I. Ishirahamwe ryitaho impunzi rifadikanije n’amashirahamwe 33 bakorana, ritera akamo amakungu ngo yegeranye amafaranga angana n’imiliyoni 222 y’amadorari, yo gufasha impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bibanyi. Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, avuga ko ayo mafaranga yofasha kugira ngo impunzi z’abarundi zishobore kuronka vya nkenerwa vyo kubaho. Ishirahamwe HCR ryaheruka gutangaza ko rizogabanya imfashanyo rigenewe impunzi ku rugero rw’ibice 60%.
II. Abanyagihugu bo muri zone Magara, muri komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge, baridogera abakozi b’ishirahamwe Regideso. Bavuga ko bamaze igihe kinini bataronswa umuyagankuba, kuko icuma citwa transformateur cahiye. Basigura ko vyinshi mu bikorwa bisaba umuyagankuba bitagikorwa, bagasaba ko ico kibazo cotorerwa inyishu.
III. Hari abantu batanu baraye bakubiswe n’inkuba mu ntara ya Mwaro. Batatu muri bo baciye bapfa, abandi bakaba bariko bavurirwa kw’ivuriro ryo muri komine Kayokwe, nk’uko amakuru ava aho i Mwaro abivuga. Abo bagabo uko ari batanu, bari bugamye imvura ku nzu atawuyibamwo iri hafi y’isoko rya Mwaro.
IV. Abantu 4 bariko bitegurira kwinjira mu gisirikare c’Uburundi baherutse gupfa mu gihe bariko barakora imyimenyerezo ya gisirikare, mw’ikambi yo mu Kayanza. Babiri ba nyuma bapfuye kuri uwu wa mbere, mu gihe bari bahejeje kwiruka ibirometero bitandatu. Abandi babiri bari bapfuye imbere yabo mu myimenyerezo nk’iyo nyene. Kubwa Gratien Rukindikiza yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, ngo ivyo vyerekana ko urwo rwaruka rutabanje gupimwa neza n’abaganga, kugira bimenyekane ko bafise ubushobozi bwo gukora igisirikare, navyo ngo suko vyari kugenda.