I. Abasirikare barenga cumi bari bapfunzwe bazira kuba baranse kuja mu gihugu ca Congo, barakuwe aho bari bapfungiwe mu ndwi iheze bajanwa kugandagurirwa ku nkengera z’uruzi Rusizi, ibiziga vyabo navyo bitabwa mu ruzi. Amakuru ava mu gisirikare yemeza ko bamwe bakuwe mu gasho kari mw’ikambi ya Police Militaire, abandi bakurwa mu gasho k’iperereza kari muri karitiye ya 10 yo muri zone Ngagara. Mu gisirikare c’Uburundi biciye mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, barahakana ko ata basirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
II. Hari umunyagihugu wo mu gisagara ca Minago mu ntara ya Rumonge agira akwize amezi abiri atawuzi irengero ryiwe. Canésius Nsabimana yari yafashwe n’uwari arongoye iperereza mu ntara ya Rumonge Michel Ndikuriyo. Inyuma y’ayo mezi abiri yose, abegereye umuryango wiwe basaba kumenya aho uwabo yazimanganiye.
III. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu washikirije kuri uno wa kane icegeranyo co mu mwaka wa 2021, aho wemeza ko habaye abantu bagera 42 bishwe mu gihugu; muri bo 35 bakaba babanje kunyuruzwa n’inzego za leta. Ivyo bitigiri vyinubwe n’inama nshingamateka. Gélase Daniel Ndabirabe ayirongoye yagirije uwo mugwi ko washikirije icegeranyo gihengamye, kandi ko hatarimwo ibiri ku mbuga ngurukanabumenyi. Ku ruhande rwa CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba arongoye uwo mugwi, amenyesha ko icegeranyo cabo kitisunga imbuga ngurukanabumenyi ahubwo ko gifatira ku matohoza baba bikoreye.
IV. Ku bw’urunani RCP ruharanira agateka ka muntu ngo uyo mugwi w’igihugu CNIDH wama ushikiriza imvugo yo kunezereza leta gusa. Gervais Nibigira, icegera c’uwururongoye avuga ko ata na rimwe CNIDH yigera ibeshuza ivyegeranyo vy’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yerekana ibitigiri birenze ivyo vyashikirijwe, vyerekana uko agateka ka muntu gahonyangwa mu gihugu.
V. Umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Kiremba mu ntara ya Ngozi yarafashwe kuri uno wa gatatu, arapfungwa kw’itegeko ry’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara ariko mu nyuma ahava ararekurwa. Uwo mukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine, bivugwako yari yahowe ko inama arongoye yashize ahabona ubunyonyezi bukorwa na musitanteri w’iyo komine. Abanyagihugu bobo bagasaba ahubwo musitanteri w’iyo komine ko yobogozwa mu mabanga yiwe.
VI. Agateka k’impunzi z’abarundi kabandanya gahonyangwa mu makambi y’impunzi yo mu gihugu ca Tanzaniya. Izo mpunzi zirahohoterwa, zigafungwa hatubahirijwe amategeko, zigaterwa ubwoba n’amajambo ashikirizwa y’iterabwoba. Biri mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa gatatu n’ishirahamwe ‘’Dynamique pour le droit des réfugiés’’ rikorera ku butaka bwa Tanzaniya. Ku bw’iryo shirahamwe riharanira agateka k’impunzi, abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya ni bo bari hejuru y’ayo mabi atandukanye akorerwa impunzi z’abarundi.