Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/03/2020

Publié le 17 mars 2020 par Rédaction

I. Umukuru w’umugambwe CNL ku mutumba Migera, muri zone Migera, komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura, azwi kw’izina rya Methuselah Nahishakiye, yaraye agandaguwe, arashwe ku rugo rwiwe n’abantu batamenyekanye. Abasangiye umugambwe n’umuhisi, bamenyesha ko hari haciye imisi bumvise ko habaye inama itegura igandagurwa rya Methuselah Nahishakiye, co kimwe n’izindi nyankamugayo ziri mu bashaka kwitoza mu matora yimirije. Amakuru ava ngaho ku mutumba wa Migera amenyesha kandi ko kuva mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, hari hamaze gufatwa uwurongoye umugambwe CNL muri Zone Migera, Paul Sinzotuma, n’abandi banywanyi ba CNL bagera kuri 12.

II. Ukutihanganiranira mu vya politike biguma vyibonekeza mu Burundi. Mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere rishira uwa kabiri, ku mutumba Bigera, komine Mutaho, mu ntara ya Gitega, umunywanyi w’umugambwe CNL yarategerewe n’imbonerakure ku rugo iwe, ziramukubita zimugira intere nkuko vyemezwa n’abanywanyi b’uwo mugambwe CNL kuri uwo mutumba. Bagasaba abajejwe intwaro guhagarika ako gatotezo.

III. Abantu bane baraye bakubiswe n’imbonerakure zariko zirakizura mw’ijoro ryakeye, telefone ngendanwa ziribwa, n’amafaranga angana ibihumbi mirongo ibiri na bitanu. Abo bakubiswe bakaba bariko barivuna akanyota mu nzu y’ubunywero iri ku mutumba Mugerama, muri komine Nyanza lac.

IV. Abantu batandatu nibo bamenyekanye ko bagandaguwe. Muri bo, babiri batorwa ibiziga, abagera kuri batanu baraborezwa igufa, n’abashika 48 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka co mu ndwi iheze. Ico cegeranyo gisohoka buri ndwi, cerekana ko abakekwa gukora ayo mabi ari bamwe mu Mbonerakure n’inzego z’umutekano. Andrée Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Iteka.

V. Ibanki nkuru y’igihugu BRB yaraye isohoye itegeko, ko ata muntu n’umwe akirekuriwe kuronswa amafranga y’agaciro, mu mafaranga aba yabikije ku ma konti ari mu ma banki y’ubudandanji. Ivyo vyashikirijwe mu kiganiro catanzwe n’umuyobozi ajejwe gukurikirana ingene amabanki akora. Prosper Ngendanganya yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo ngingo ataco igiye guhindura ku basanzwe bazana amafaranga y’agaciro mu Burundi.

VI. Kubw’umuhinga mubijanye n’ibibazo vy’Ubutunzi mu gihugu, Faustin Ndikumana asigura ko iyo ngingo ya BRB idashemeye kuko ituma abarundi bari mu makungu, badasubira kugwiza amafaranga y’agaciro babitsa mu mabanki y’Uburundi kuko ataba akiri rwabo. Leta ngo yarikwiye kwiga uwundi mukenyuro wo kubaronsa inyungu mu marundi, kugira bagwize ayo ma konti y’amafaranga y’agaciro mu Burundi.

VII. Ubuserukizi bw’impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’I Mahama mu gihugu c’Urwanda buriko burakora ibishoboka vyose kugira bikingire indwara ya CORONAVIRUS. Uwuserukira izo mpunzi Jean Bosco Kwibishatse, atera akamo bangezi biwe gukurikiza amabwirizwa y’igihugu, ajanye no kwirinda ico kiza, na cane cane gukaraba iminwe kenshi kabaho n’ukwirinda ahantu hakoraniye abantu benshi. Abanyeshure nabo batashe basabwa kuguma muhira.

Ibindi bisa n'ibi