I. Umunyororo wo guherayo n’ihadabu y’imiliyoni 55 ni co gihano Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Kirundo yahanishije ku muhingamo wo ku wa kabiri, Mitima Joseph, yagirizwa kuzimanganya ubuzima bw’abantu 8. Abandi bagirizwa hamwe na Mitima baciriwe ibihano bitandukanye, uwundi umwe nawe arezwa na Sentare, nkuko urubanza rwasomwe na Sentare ruvyemeza.
II. Bamwe mu bafise utuzu tw’ubudandarizo inyuma y’isoko ya Jabe baridoga ko bagiye kubomorerwa utwo tuzu n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kandi batwubatse bahawe uruhusha n’intwaro. Ariko abajejwe intwaro bategerezwa gushira mu ngiro iyo ngingo na bo ngo barushwa inguvu n’abafise utwo tuzu tw’ubudandarizo.
III. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha abona ko hariho ukutumvikana ku ngingo zifatwa n’abategetsi kuva ku nzego zo hasi gushika hejuru. Uyo munyepolitike agatangazwa no kubona nk’umushikiranganji canke mbere n’umukuru w’igihugu bafata ingingo ntizikwirikizwe. Ivyo bisigura ko atakuja inama n’ingingo biri muri leta. Frédéric Bamvuginyumvira akaba abivuze afatiye ku ngingo y’umushikiranganji yo kubomora ama kiosque ari muri zone Bwiza itigeze ikurikizwa ngo kuko ayo ma kiosque ari aya bategetsi bakomeye. Frédéric Bamvuginyumvira akabona ko bigoye kumenya ubu uwufise inguvu gusumvya abandi mu butegetsi bw’igihugu.
IV. Kuri uyu wa kane mu Burundi hatangujwe isekeza ryo gutanga urucanco rw’indwara y’ubukangwe ku bana bakiri bato badashikana imyaka icumi. Urwo rucanco rwari rumaze igihe rwarabuze mu Burundi. Muganga Juvenal Habarugira avuga ko indwara y’ubukangwe itagira umuti kandi ko urucanco rutangwa incuro nyishi mu buzima bw’umuntu. Akavuga ko abana bataronkejwe urwo rucanco bashobora kugira ibibazo vyinshi mu buzima bufatiye ku bumuga.
V. Ibihugu cane cane vya Afrika bitariko vyitwara neza mu kurwanya ikiza c’umugera wa Corona, bitariko birashira imbere urucanco bishobora gukumirwa kurusha mu makungu. Umuhinga mubijanye n’indwara z’ivyaduka Come Konakuze, akaba abivuga mu gihe ibihugu vya Bulaya biriko biragira umugambi wo gushiraho ico bita “Passeport Vert”, urupapuro ruzotuma abantu batembera ataco binona, kubera bazoba baragirishije urucanco.