I. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, hatowe ikiziga c’umugabo w’imyaka hafi 30 muri karitiye Rubuye iri mu gisagara ca Ngozi, ni mu ntara ya Ngozi. Uwo na we akaba yavuka ku musozi Rugabo wo muri komine Tangara n’intara ya Ngozi nyene. Musitanteri wa komine Ngozi, Joseph Martin Bucumi, akavuga ko uwo mugabo ashobora kuba yari yarusomye bigatuma agwa mu mugende utwara amazi y’imvura, bita caniveau mu rurimi rw’igifaransa. Iryo sanganya rigashobora kuba ari ryo ryahitanye uwo muntu, ngo kuko nta kimenyetso na kimwe cari ku mubiri wiwe cerekana ko yoba yapfuye yishwe.
II. Umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Giharo y’intara ya Rutana amaze indwi irenga ariko araturatura, kubera iterabwoba ariko agirirwa n’imbonerakure za CNDD-FDD. Amakuru dukura mu bo basangiye umugambwe yemeza ko urwo rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi rwamugabishije ko ategerezwa kuzogandagurwa. Uwo munywanyi wa CNL azwi kw’izina rya Kabura Élysée, akaba yahavuye arata aromoka, kubera imbonerakure zimaze imisi zirara ku rugo iwe, ruri ku mutumba Nkurye muri komine Giharo, kumurondera.
III. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ntara ya Karusi. Iyo myidogo ikaba ifatiye kw’ikena ry’ibitoro ryibonekeza muri iyo ntara, vyaba ivya Mazout canke essence, haraciye indwi zibiri zirenga.
IV. Mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya havugwa impunzi y’umurundi yabuzwe irengero indwi zitatu ziraheze. Inkuru ziva muri iyo kambi, zivuga ko yafashwe n’igipolisi kw’igenekerezo rya mbere za kuno kwezi, ariko gushika n’ubu ntawuzi iyo ari. Naho rero mu gipolisi bavuga ko yajanjwe i Dar es Salaam ku mvo z’amatohoza, mu muryango wiwe ngo nta cizere bafise ko uwabo yoba akiriho.
V. Kubona impunzi z’abarundi bataronswa ubuhungiro, bugahabwa impunzi z’abakongomani gusa, ivyo vyerekana ko igihugu ca Tanzaniya kitubahiriza amasezerano cashizeko igikumu yo gukingira impunzi. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi CBDH-VICAR. Ni mu gihe kuva kw’igenekerezo rya gatandatu Ntwarante uno mwaka (06/03), ata mpunzi z’abarundi bakirwa ngo baronswe ubuhungiro muri ico gihugu ca Tanzaniya. Léopold Sharangabo ahamagarira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impuzi HCR, kwitwararika ikibazo c’impuzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya, bishobotse bakabaronderera ubundi buhungiro.