I. Igisata c’umuryango w’ubumwe bwa Afrika kijejwe agateka ka muntu, gihamagarira ubumwe bwa Afrika, hamwe n’abakuru b’ibihugu bigize umugabane wa Afrika, gusaba igihugu c’Ubushinwa ko cokora amatohoza akwiye, kandi kigafata ingingo zihuse, zo guhana ibikorwa vy’ivangura bigirirwa abirabure bari mu ntara ya Guangdong, mu gihugu c’Ubushinwa. Aho ni mu gihe kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane, abo banyafrika baturatuzwa bakirukanwa mu ma hoteli baba barimwo, canke bakankirwa uruja n’uruza muri ico gihugu, bagirizwa gukwirakwiza umugera wa corona.
II. Abategetsi mu Burundi ngo bariko barashira imbere cane imyiteguro y’amatora, hakwita nyabuna ku kiza coronavirus muri kino gihe gihanze isi yose. Uku niko Muganga Yohani Minani abibona. Abivuze inyuma yaho kuri uyu wa gatatu, habonetse uwundi murwayi wa coronavirus mu Burundi, bikaba akamizwe n’ingoma. Akamenyesha ko bibabaje kubona umushikiranganji w’amagara y’abantu asa n’uwutabinezwe, mu gihe mu bindi bihugu badahengeshanya gutanga amakuru ku munsi ku munsi ajanye n’ico kiza.
III. Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye kuri uyu wa gatanu, bwahavuye bumenyesha ko hari uwundi murwayi wa coronavirus yabonetse. Abaye umuntu agira gatandatu yanduye corona virus mu Burundi. Umwe yaritavye Imana. Mw’itangazo ry’ubwo bushikiranganji, ryemeza ko bane mu bari mu bitaro batagifise uwo mugera.
IV. Ubwoba ni bwinshi ku mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nduta, aho ni mu gihugu ca Tanzaniya, aho izo mpunzi zifise amakenga ku bijanye n’ugupima abantu bikekwa kuba bafise ibimenyetso vy’ikiza ca coronavirus. Ngo ishirahamwe MSF ryari risanzwe rivura izo mpunzi, ngo nta burenganzira rifise ryo kubapima ngo kuko abakozi ba Reta ya Tanzaniya, ari bo bonyene bapima, inyishu zigateba kuboneka. Izo mpunzi zigasaba reta y’ico gihugu guha ububasha MSF bwo kubapima. Umwe muri izo mpunzi.
V. Urunani rw’abashingwamanza rwishinze gufasha abagiriwe ivyaha bihanwa n’amatekego mpuzamakungu mu Burundi ; rwasohoye urwandiko rwiyamiriza ubwicanyi ndengerabutungane mu gihugu. N’inyuma y’aho igipolisi cagandaguye kuri uyu wa gatatu, mu ntara ya Bururi, komine Matana, abantu 3 harimwo uwitwa Pascal Ningaza batazira Kaburimbo. Urwo runani rugasaba ubutungane bw’Uburundi gukora amatohoza, kugira ngo abagirirwa n’ico caha bahanwe. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, n’umukuru w’urwo runani.
VI. Abanywanyi b’umugambwe CNL indwi, bari bapfunzwe n’imbonerakure muri komine Nyabihanga, y’intara ya Mwaro, baraye barekuwe inyuma y’inama uwurongoye iyo ntara yagirishije muri iyo komine. Ibitanezereye imbonerakure bivugwa ko zitari zitavye iyo nama, abo bategetsi bahakuye ikirenge, zigaca na zo zikora iyindi.
VII. Ubushikiranganji bwo gufashanya n’ayandi makungu, buherutse kumenyesha ko abarundi baba mu mahanga batazokwitaba amatora yimirije. Mw’ikete ubushikiranganji bwandikiye ibiro vy’abaserukira Uburundi mu makungu, aho bwamenyesheje ko biturutse ku ngingo zafashwe n’ibihugu mu kwirinda ikiza c’umugera wa corona, umurwi utunganya amatora CENI ngo ntushobora gushika mu bihugu bitandukanye kugira utunganirizeyo amatora. Ku barundi bari mu mahanga batazotora, ngo leta irashobora gukoresha ubuhinga bwa none abatora n’abatoresha batarinze kuva aho bari, ivyo bishikirizwa n’umushakashatsi mu bijanye n’imigenderanire muri kaminuza ya Saint Louis mu Bubiligi, Manu KLIMIS.
VIII. Nayo kuwokwibaza ko abarundi bari mu mahanga badatoye amatora azoba arimwo udutosi, uwo mushakashatsi avuga ko mu gihe bidakunze ko batora kubera imvo yumvikana nk’ikiza ca corona cateye mw’isi, Manu KLIMIS avuga ko ico kitobuza ko amatora aba kandi akagira agaciro, akemerwa n’amakungu. Ngo ahubwo n’ukuraba ko ibindi vyemerwa n’amakungu biba bikwiye, kugira amatora bivurwe ko yabaye ata gatosi.
IX. Amakenga ni menshi ku gikorwa c’ibanki nshasha BIJ mu mpfunyapfunyo, ijejwe gushigikira imigambi y’urwaruka, iherutse gutanguzwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu ntara ya Gitega. Bamwe mu banonosoye ivy’ubutunzi, berekana ko iyo banki ataho itaniye n’ayandi ma banki y’ubudandaji asanzweho mu Burundi, umuntu afatiye kuhazozanana amafaranga yotuma ishobora gukora ukuri kwamye. Ko iyo banki yoba ije nk’inyishu y’ikibazo c’ubukene buri mu rwaruka, siko abahinga mu gisata c’amabanki babibona.