Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/04/2023

Publié le 17 avril 2023 par Rédaction
I. Umugabo azwi kw’izina rya Samuel Rukundo, yaba ku mutumba wa Tura, komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga, yaraye agandaguwe na mugenziwe Silas Rwemera, amucumise imbugita nyinshi. Akaba yamuhoye ko asanze ariko avugana n’umukenyezi wiwe, nk’ukwo amakuru ava ku mutumba Tura avyemeza. Ayo makuru nyene avuga ko Silas Rwemera yaciye aza amucumita imbugita kw’izosi no mu bitugu. Nyakwigendera Samuel Rukundo ngo yaciye ahungira mu nzu yari aho yinyegeza mu cumba, ariko Rwemera amusangayo kumuhohosha. Igipolisi kikaba caciye gita muri yompi Silas Rwemera. Uwo yaraye agandaguwe akaba agize uwa kabiri agandaguwe mu kiringo c’imisi 4 mu ntara ya Muyinga. Mw’ijoro ryo ku wa kane rishira uwa gatanu w’indwi iheze, Jacques Bumba w’imyaka 43, yaba ku musozi wa Bihogo, komine Gasorwe akaba yaragandaguwe n’abantu batamenyekanye.
II. Nta bukene burangwa mu gihugu c’Uburundi, kandi ngo nta munyagihugu akwiye kwidoga ngo ntaronka amadolari 400 ku mwaka, na yo ababivuga ni ibijuju. Vyashikirijwe na Varisito Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 z’uku kwezi kwa Ndamukiza, muri komine ya Mishiha mu ntara ya Cankuzo. Ico gihe yari yagiye kwifadikanya n’abanyagihugu mu bikorwa vyo kwubaka isoko ya kijambere kuri uwo mutumba.
III. Imvugo yo guhakana ko Uburundi n’abarundi bakenye ni imvugo imaramaje kandi iteye isoni ku mukuru w’igihugu. Ivyo bivugwa na Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga. Ahanura umukuru w’igihugu Ndayishimiye ko atokwama afata abanyagihugu nk’ibijuju.
IV. Kuri ayo majambo nyene y’umukuru w’igihugu, ngo birababaje kubona abarongoye igihugu bubahuka kuvuga ko ata bukene buri mu banyagihugu, kandi ubwo bukene bugaragara iyo umuntu agiye gusuma mw’isoko. Ivyo vyashikirijwe na Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL, kuri uyu w’Imana uheze, mu ntara ya Gitega. Ku bwiwe, umushahara w’intica ntikize ni kimwe mu nkomoko z’ubwo bukene.
V. Hazindutse isakwa kuri uno wa mbere ku rugo rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni mu Gasekebuye, ni mu gisagara ca Bujumbura. Nk’ukwo amakuru dukura mu gipolisi avyemeza, iryo sakwa ryabaye ku mutahe wasohowe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika, Sylvestre Nyandwi. Gushika ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, ivyavuye muri iryo sakwa ntivyari bwamenyekane. Ico gikorwa co gusaka cari gitegekanijwe no ku rugo rw’uwo yahoze ari umutegetsi, ruri ku mutumba Rongero komine n’intara ya Rutana. Gushika isaha cumi z’umuhingamo, igipolisi nticari bwaronke itegeko ryo kubomora ngo cinjire, nk’ukwo amakuru ava mu gipolisi mu ntara ya Rutana abimenyesha. Ni mu gihe ayo makuru yemeza ko umunyezamu bamusanganye urufunguruzo rwugurura umwango munini winjira mu rupangu, ariko atari afise izugurura gushika mu nzu.
VI. Mu makuru y’inkino, tugaruka ku nkino z’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, aho zigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma. Igitangaza akaba ari uko umugwi wa Flambeau du Centre, ugira kabiri mw’ihiganwa ry’igihugu waraye usezeye iryo higanwa. Na yo umunonotsi Thierry Ndikumwenayo kuva ubu ntagiserukira Uburundi, ahubwo yahisemwo akabira k’igihugu ca Espagne. Turarabira hamwe n’ayavugwa muri Basketball na Volleyball.

Ibindi bisa n'ibi