I. Abaforoma 2 bo kw’ivuriro rya Bujondi muri komine ya Kayogoro mu ntara ya Makamba, barabangamiwe n’ubuyobozi bwa komine ya Kayogoro hamwe n’ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD. Nk’ukwo bivugwa na bamwe mu bakorana na Adelin Ntimpirangeza na Bucumi Rose basanzwe bubakanye, bariko baradodoberezwa n’uwurongoye umugambwe muri komine ya Kayogoro Elysée Kadoyi, ko babangamiye ubutunzi bw’iryo vuriro mu gihe ataco bajejwe cobaha ububasha bwo kwonona ubutunzi bw’ivuriro.
II. Isi yose irahimbaza kuri uno wa kabiri umusi wahariwe indwara y’umuvuduko w’amaraso (hypertension). Mu Burundi, icigwa cakozwe mu mwaka wa 2021 mu bitaro bibiri vyo mu gisagara ca Bujumbura, cerekanye ko ku bantu 120 bagwariye ahitwa médecine interne kubera iyo ndwara ni abantu barenza imyaka 40, bangana n’ibice 55 kw’ijana na bo n’ab’igitsina gore. Benshi muri abo bagwayi nta kamaro babona mu vyo kwinonora imitsi.
III. Ku bwa muganga Jean Désiré Manirakiza mu bituma iyo ndwara, harimwo kugira ibinure vyinshi mu mubiri hamwe n’umuryango «hérédité mu gifaransa». Muganga Jean Désiré Manirakiza abanza kutubwira icari co iyo ndwara.
IV. Muganga Jean Désiré Manirakiza arasigura kandi ko hari uburyo bwo kurwanya ibitera iyo ndwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso no kwirinda ko ikomera ku basanzwe bayirwaye.
V. Hari umugabo yagirizwa icaha co gufasha abakenyezi n’abigeme gukorora inda. Ivyo bibera ku mutumba wa Gashasha benshi bita mu Karonda, muri komine n’intara ya Rumonge. Abanyagihugu baho kuri uwo mutumba batangazwa n’uko adahagarikwa ngo ashengezwe. Bakagiriza umukuru w’umutumba ko amukingira ikibaba. Basaba abajejwe umutekano kumuhagarika, kugira ngo ashengezwe abazwe kuvyo yagirizwa.
VI. Mu ntara ya Mwaro na ho, hari imyidogo myinshi mu banyagihugu bo ku mutumba Kibungere muri komine Nyabihanga. Iyo myidogo ikaba ifatiye ku busuma bwimonogoje kuri uyo mutumba, aho ribaye irigira kabiri haba ubusuma kuri paruwasi Kibungere no mu tundi ducimbiri. Basaba ko umutekano wotsimbatazwa kuri uyo mutumba.
VII. Kirazira ko umupolisi uwari we wese akora ukwiwe ku nyungu ziwe atari iz’igihugu. Ako ni akamo katewe na Gervais Ndirakobuca arongoye ubushikiranganji bujejwe umutekano. Hari mu gatondo ko kuri uno wa kabiri mu mubonano yariko agirana n’abategetsi bakuru mu gipolisi, intwazangabo, ibisongerezi n’abapolisi basanzwe bakorera mu burengero bw’igihugu. Yabasavye gukora ibishoboka vyose kugira ngo bahe isura nziza igihugu.
VIII. Inyuma y’indwi zibiri abasirikare b’Uburundi bari mu nteko za ATMIS bakuwe ku kirindiro ca Cell Baraf, kuri uyu wa kabiri mu gitondo basubiye kuhakura mu vyara vy’aba Shebab bari babateye. Kuva mu gitondo co kuri uyu wa kabiri hakaba hari mu minwe y’ingabo za ATMIS. Amakuru atangwa n’abasirikare avuga ko ata ntambara nyinshi zahabaye, ariko bakavuga ko ibisigarira vy’abasirikare b’Uburundi bahasize ubuzima bataratorwa ibiziga bitari bwaboneke gushika ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri. Tubibutseko ico gitero giherutse kuba, cahitanye abasirikare 39 harimwo n’uwararongoye i bataillon ya 61 ya ATMIS.