Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/06/2022

Publié le 17 juin 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye asaba ikigongwe ku Mana kubera amabi atandukanye avuga ko akorwa n’indongozi. Hari mu gikorane c’umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa kane. Yariko ahimbaza imyaka 2 amaze ku butegetsi. Urunani RCP ruhamagarira abarundi kuba intungane, ruriyamiriza iyo mvugo y’umukuru w’igihugu kuko afise uburenganzira bwo guhana abakora ayo mabi.
II. Amashirahamwe akomakomeye mu vy’ubutunzi asabwa kuzotanga interererano yo kunagura igisata c’indero. Ivyo biri mu cegeranyo c’ivyavuye mu nama kaminuza yo kurabira hamwe ingene ico gisata conagurwa. Abayitavye barasavye kandi ko n’abakozi ba leta boza barakatwa amafranga ku mushahara yofasha mu gisata c’indero. Iyo nama yahuje aberwa n’indero kuva italiki 14 gushika kuri 16 uku kwezi.
III. Amafranga ari hagati y’imiriyoni mirongo ibiri na mirongo ibiri na zibiri ni yo komine Gashikanwa iri mu ntara ya Ngozi ihomba ku kwezi. N’inyuma yaho hafashwe ingingo yo kugara amasoko y’inka, impene, n’intama. Musitanteri w’iyo komine avuga ko ivyo vyatumye ubutunzi bw’iyo komine bucumbagira, agasaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kugwiza icanco zo kurinda ibitungwa iyo ndwara.
IV. Abadandaza ibintu bidakwije ibisabwa ku masoko bazohora bahanwa. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatanu n’umuyobozi w’ikigo kijejwe gusuzuma ko ibidandazwa bidafise utunenge BBN. Hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Sévérien Sindayikengera aratanga akarorero k’abazohanwa, ni ama stations atanga igitoro kidakwiye, n’amashirahamwe ahingura akongera akagurisha ibidandazwa bidakwije ibisabwa.
V. Ingingo nshasha yo kugabura intara z’Uburundi yakiriwe neza na Francis Rohero, umwe mu bigenga bahiganiwe ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora aheruka. Francis Rohero amenyesha ko uwo mugambi wari mu yo yashize imbere, agasaba ko abagiye kurongora intara n’ama komine boba abantu babishoboye kandi bagatorwa mu muco.

Ibindi bisa n'ibi