Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/06/2023

Publié le 17 juin 2023 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gitondo ca kare kuri uyu wa gatandatu, kireremba ku mazi y’ikiyaga Tanganyika. Catowe mu gice ca Mvugo, muri komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba. Uwo mugabo yari afise imyaka irenga 45, ngo yava ku mutumba Gasaka, muri komine Makamba. Amakuru ava i Nyanza-lac avuga ko yari yakorokeye mu mazi kuva kuri uyu wa gatanu, bariko bararoba ari batatu mu bwato. Uwugira kabiri gushika mu gitondo c’uwu wa gatandatu ntiyari bwaboneke. Ariko uwugira gatatu yashoboye gushika ku musozi ari muzima. Ayo makuru aremezwa n’amasoko ya Radiyo Inzamba mu gipolisi muri komine Nyanza-Lac.
II. Umuntu umwe yaritavye Imana, abandi bane ntawuramenya irengero ryabo inyuma y’isanganya ry’ubwato bw’ishirahamwe ARNOLAC ryabereye mu kiyaga Tanganyika mw’ijoro ryo kuwa 15 rishira irya 16 Ruheshi 2023. Mw’itangazo ryasohowe n’ubuyobozi bukuru bw’ishirahamwe ARNOLAC, bamenyesha ko n’ubu hakiriko hararonderwa abo bane bataraboneka, bagahoza n’imiryango n’abagenzi b’abo bakozi.
III. Amakenga ni menshi ku muryango w’umuhisi Jean Claude Niyongabo wo ku mutumba Shemba, zone Muzye iri mu ntara ya Rutana. Ni mu gihe uwo munywanyi wa CNL yagandaguwe kw’igenekerezo rya 20 Rusama uno mwaka, ariko umuryango wiwe ukaba utaramenyeshwa n’igipolisi ivyavuye mu matohoza yakozwe, na rirya abiketswe ko aribo bamugandaguye, bafashwe bakarekurwa n’igipolisi. Uwo muryango usaba ubutungane kubatunganiriza, abagirizwa ico caha c’ubwicanyi bagahanwa.
IV. Uwundi munywanyi w’umugambwe CNL akaba no mu ndongozi, arengeje indwi ari mu gasho k’igipolisi ku mugwa mukuru wa komine Kayogoro, atagira dossier. Abo basangiye umugambwe mu ndongozi zawo muri komine Kayogoro bavuga ko yafashwe n’igipolisi kw’igenekerezo rya 7 kuno kwezi.
V. Ejo kw’igenekerezo rya 18 ukwezi kwa gatandatu, Evariste Ndayishimiye azoba arumanije neza na neza imyaka itatu arongoye igihugu c’Uburundi. Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ruvuga ko iyo myaka itatu yabaye agahomerabunwa mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Urwo runani ruvuga ko agateka ka zina muntu kabandanije gahonyangwa ata camira, ko n’ubutungane bwari bujejwe guhasha abakora amabi, bwagumye buvogerwa n’ubutegetsi. Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC.
VI. Vital Nshimirimana abona ko, umukuru w’igihugu Ndayishimiye muri iyo myaka itatu, yagumye yitwararika cane cane kurondera ko abo mu mugambwe wiwe bokwemera ubutegetsi bwiwe, aho gukorera ineza y’abarundi bose.
VII. Ikiringo catanzwe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB co gusubiza inoti zakera za bitanu n’ibihumbi 10 zo mu mwakwa wa 2018, kirarangiye uyu musi kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi, kandi nta kindi kiringo kizokongerwa. Bivugwa na Dieudonné Murengerantwari, umuyobozi mukuru w’ibanki nkuru y’igihugu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri uyu musi wa gatandatu. Uyo muyobozi arashima ko ico gikorwa co gusubiza inoti za kera cagenze neza, kuko amahera atari make yasubijwe.
VIII. Isango ryo gusubiza inoti ya bitanu na cumi yabaye ntabanduka, guhera kw’igenekerezo rya 18 ni ukuvuga ku musi w’ejo, uwuzoba akiyisigaranye ntaco izoba ikimumariye. Mu misi cumi, igikorwa co kuyasubiza cakozwe gihutihuti, vyatumye hamwe hamwe abadandaza n’abaguzi bajuragurika.
IX. Ikigabane Kw’Isôko c’uyu munsi kiza guhagarara ku majambo aherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu, aho avuga ko hari abategetsi muri leta ataco bashoboye.

Ibindi bisa n'ibi