Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/07/2020

Publié le 17 juillet 2020 par Rédaction

I. Urunani rw’amashirahamwe y’Uburundi ashigikiye ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyanka, CB-CPI, ngo nta kintu na kimwe rwiteze ku butegetsi bw’uyu musi, mu kworohereza sentare mpuzamakungu gukora amatohoza ku mabi yakorewe mu Burundi. Ivyo n’ibishikirizwa na Lambert Nigarura, umukuru w’urunani CB-CPI, mu gihe kuruno wa 17 Mukakaro, amakungu ahimbaza umusi wahariwe ubutungane mpuzamakungu. Kubwa Lambert Nigarura, n’aho ubutegetsi bwahindutse, intwaro ntiyahindutse.

II. Abarundi bahungiye mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo bakiri mu makambi y’imfatakibanza, ntibaronswa imfungurwa zikwiye, hakaba kandi hari n’ubukene bw’amazi meza. Basaba kungururizwa mu ma kambi y’impunzi azwi, kuko muri ayo makambi y’imfatakibanza bayamazemwo ikiringo kinini. Mu gisata kiraba impunzi mu gihugu ca Congo, ngo babizeza uko bukeye uko bwije kubimurira mu makambi y’ukuri, ariko amaso y’abo barundi yaheze mu nzira.

III. Tanzaniya itegerezwa guhagarika ivyo vyose biriko bihatira impunzi z’abarundi gutaha zitabishaka. Ako kamo gaterwa n’urunani rwishinze guharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi CBDH VICAR. Kuva muri uku kwezi, ibifungurwa bihabwa impunzi ziri muri ico gihugu zaragabanijwe gushika ku bice 17 kw’ijana, nkuko impunzi zivyemeza. Kubwa CBDH VICAR, ivyo bifise intumbero yo kwereka impunzi z’abarundi ko ata kibanza zigifise muri Tanzaniya. Muri HCR bakaba bamenyesha ko igabanuka ry’ibifungurwa ataho rihuriye n’ugutahukana impunzi ku nguvu, ahubwo ari uburyo buke bw’iryo shirahamwe bitewe n’ikiza corona virus muri ino minsi cugarije isi.

IV. Umukuru wa zone Bigina ya komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, mu bumanuko bw’Uburundi, Paul Rwajekera, ari kumwe n’imbonerakure icenda zo muri ako gace, baratawe muri yompi n’igipolisi kuri uyu wa kane. Bafashwe mu mukwabu n’isakwa igipolisi cazindutse kirakora muri iyo zone. Bagirizwa kwica, kwiba no kugirira nabi abarundi baje bava mu gihugu ca Tanzaniya, iyo baba bagiye gupagasa. Muri iryo sakwa, igipolisi kikaba catoye ibiziga bibiri vy’abantu. Uwurongoye imbonerakure muri zone Bigina, asanzwe azwi kw’izina rya Ntakirutimana, ni muramu wa Zachée Misago, musitanteri wa komine Kayogoro avugwa nawe mu mabi atandukanye abera muri iyo komine. Bose uko ari 10 bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Makamba ku mvo z’amatohoza.

V. Mu ntara ya Rumonge havugwa ukutubahiriza ibiciro vy’isabuni. Mu gihe Leta yari yabigabanije mu ntumbero yo kugwanya ikiza ca coronavirus, abadandaza bishingira ibiciro uko bashatse. Abanyagihugu bagasaba abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano, kwubahiriza ivyo biciro no guhana abadandaza bahonyanga ingingo za Leta.

VI. “Amafaranga 150 y’amarundi nico giciro c’isabuni yitwa Ubururu kizwi n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro,  n’ingenzi  mu gihugu cose, igiciro cashinzwe na leta mu kworohereza umunyagihugu’’ vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ubudandaji Chrisologue Mutwa mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu. Aragabisha uwo mudandaza wese yikika mu kiza mu gushinga igiciro ciwe ashatse, ko agiye guhanwa hisunzwe amategeko.

VII. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aragabisha abantu bimba amabuye, umusenyi, ibumba, inzahabu n’ibindi bahawe impusha ko bategerezwa gukinga impanuka zose zishobora gushika, na cane cane ko bategerezwa gukingira ibidukikije mu gusubiza aho baba bimvye uko hari hameze. Prosper BAZOMBANZA akaba yabishikirije kuri uyu wa kane ku mutumba Ntobwe, muri komine Buhinyuza, mu ntara ya Muyinga. Abiyadukiza nabo bagacukura isi batagira impusha bakaba ngo nabo nyene baragabishijwe. Ishirahamwe Olucome rirashima ako kamo k’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ariko ngo abo yagateye sibo.

Ibindi bisa n'ibi