I. Umugabo azwi kw’izina rya Japhet Nimbona yaba ku mutumba Nyamarumba, zone Munagano, komine n’intara ya Muyinga, yarishwe ku musi wa gatandatu n’abantu bataramenyekana, nk’uko amakuru ava ku mutumba wa Nyamarumba avyemeza. Japhet Nimbona bikaba bikekwa ko yoba yazize amatati y’amatongo, nk’uko ayo makuru avyemeza. Abantu 7 akaba ari bo bamaze guhagarikwa ku mvo y’amatohoza.
II. Ihohoterwa ry’abanyororo, ugusinzikariza ubuzima bikorerwa bamwe mu banyororo, ikena ry’imfungurwa ryibonekeza mu mabohero, ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero hamwe n’abanyororo bafungwa bidakurikijwe amategeko, ivyo biri mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi. Ico cegeranyo kikaba cerekeye amatohoza yakozwe mu kwezi kwa kane, kwa gatanu hamwe n’ukwa gatandatu. Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe.
III. Muri ico cegeranyo, ACAT-Burundi isaba leta n’inzego zijejwe gukurikirana amabohero, kwikubita agashi bagakurikirana ubuzima bw’abafungwa. Me Jean Claude Ntiburumunsi.
IV. Umunyeshure Christelle Ndayishimiye yaramaze imisi apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi yararekuwe vy’imfatakibanza kuri uyu wa Mungu. Uyo munyeshure akaba yagirijwe na Sentare ya Kirundo kuba yaramenye amabanga y’akazi. Ivyo bikaba vyabaye inyuma yaho uwo munyeshure yitwariye umuyobozi w’ishure rya Mugendo muri komine ya Ntega y’intara ya Kirundo, kuba yashatse kumushurashuza. Umupfasoni Eulalie Nibizi ari mu bakurikirana hafi igisata c’indero mu Burundi, abona ko ikibazo c’abigeme bashurashuzwa ku nguvu n’abarezi babo gikwiye guhagurukirwa vuba bwango n’ubushikiranganji bw’indero, kuko vyabaye umugenzo mubi mu mashure. Ku bwiwe, abacamanza na bo nyene bagizwe ibikoresho mu guca imanza za ngodagonde bakwiye gukurwa mu kazi, kugira agateka k’abigeme kubahirizwe mu mashure.
V. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira, aragabisha abatware bo mu nzego zo hasi n’igipolisi ko hasubiye kwibonekeza ababika mu mazu igitoro bazobihanirwa. Yabishikirije uno musi igenekerezo rya 17, mu nama yagirishije ba buramatari b’intara zose z’igihugu, hamwe n’abarongoye abandi mu gipolisi. Uwo mushikiranganji avuga ko hariho ugufatanya ivyaha hagati y’abo batware n’abakibika.
VI. Kugwiza amashamba habanje gukingirwa ayasanzwe ahari no gusubizaho imbibe z’ayo mashamba zizwi kuva mu ntambara yo mu 1993, ni kimwe mu nyishu zirama zo gukingira amashamba n’ibinyabuzima biyarimwo. Ivyo biri mw’ikete ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije ryandikiye kuri uyu wa Mungu, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi, n’ibidukikije. Kubwa Mamert Sabushimike arongoye iryo shirahamwe, kugwiza amashamba kuva ku bice 5 kw’ijana (5%) kugera kuri 11 kw’ijana (11%) birashoboka rwose leta ibishizemwo inguvu.
VII. Imbere yo gusozera ano mukuru, mukurikirane agakino k’umuhari uharanira agateka ka muntu, Ligue Iteka, agakino bise « Tunywere mu gakuza ».