Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/08/2021

Publié le 17 août 2021 par Rédaction
I. Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL bari bahagaritswe ku musi wa gatanu mu ntara ya Makamba muri komine Kayogoro baraye barekuwe. Musitanteri wa komine Kayogoro akaba yabarekuye kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Makamba Françoise Ngozirazana.
II. Imyidogo ni myinshi mu banywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa mu ntara ya Muyinga. Buramatari w’intara ya Muyinga, akaba aherutse kubankira gusubira gutoza abanywanyi b’uwo mugambwe ku nzu ku nzu, intererano igenewe kwubaka ingoro ya CNL ku rwego rw’igihugu. Agasaba ko ico gikorwa cokorerwa mu ngoro z’uwo mugambwe mu ntara, ivyo abanywanyi ba CNL babonamwo kuburabuza ibikorwa vy’umugambwe wabo.
III. Aimé Magera aragabisha abagize umugambi gutoteza abanywanyi b’umugambwe CNL, ko amaherezo bazoshengezwa. Iyo ndongozi y’uyo mugambwe ku mugabane wa Buraya, abishikirije mu gihe abatari bake mu banywanyi b’umugambwe CNL bamaze iminsi bakorerwa amabi, harimwo n’abo bishika bakaburwa irengero. Aimé Magera asaba abarundi kuguma bafatanye mu nda.
IV. Hari umunyagihugu yafashwe kuri uyu wa mbere n’abapolisi  mu gisagara ca Bujumbura muri karitiye Jabe ya zone Bwiza, ifatwa ryiwe ryateye amakenga  abaryango biwe.   Ingénieur  Eric Nitegeka yatwawe ahantu hatazwi, mu nyuma umuryango wahavuye umenya ko apfungiwe mu gipolisi co kw’I Jabe. Kugeza ubu, uyu muryango ukaba utaramenya ico uwabo yafatiwe, bagatabaza abajejwe agateka ka zina muntu gufasha uwabo ngo arekurwe.
V. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca yagirishije inama kuri uyu wa kabiri ba buramatari bo mu gihugu cose. Bariko barabira hamwe ubuzima bw’ama cooperatives baravye amafranga leta yatanze ibicishije mu kigega FONIC. Imiliyoni cumi yahawe i cooperative imwe imwe ngo yaratanze ivyamwa, nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’ikigega FONIC gishigikira ama komine Severien Nitunga. N’aho biruko ngo intambamyi zitari nke zagiye zigaragara mu ma cooperatives atarari make.
VI. Abana batarashikana imyaka yo gukora imirimo yo kudandaza canke bakoreshwa, bamaze imisi bafatwa n’igisata kijejwe kugwanya uradandazwa rwa magendo. Ivyo vyavugiwe kuri uyu wa kabiri mu ruganda rwatunganijwe n’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori, mu guhimiriza abandi gufashanya kugwanya imirimo ikoreshwa abana. Stany Ngendakumana ajejwe kumenyesha amakuru muri ico kigo, asaba aberwa bose n’ico gisata gushirahamwe inguvu kugira bagwanirize hamwe ikoreshwa ry’abana mu rudandazwa rwa magendo.
VII. Kurwanya gukoresha abana mu rudandazwa rwa magendo vyonyene ntibishobora kuba inyishu nyayo ku ngorane zitari nke abana bafise mu Burundi. Ivyo bivugwa na Eulalie Nibizi ari mu bashinze ishirahamwe “Bafashe bige” riharanira uburenganzira bwo kwiga ku bana. Asigura ko no mu rudandazwa rwemewe n’amategeko, hari aho usanga abo bana bariko barakoreshwa. Akabona rero ko umuzi w’ingorane ari ubukene buri mu miryango.
VIII. Bamwe mu bakozi b’igisata kijejwe amazi n’umuyagankuba mu ntara zo hagati mu gihugu mu bushikiranganji buraba ivy’amasôko ntanganguvu n’agataka, basaba kuronswa amafranga ahabwa abakozi bimuriwe gukorera ahandi. Abo bakozi bakavuga ko bamanukanywe gukorera i Bujumbura bakuwe i Gitega, kubera ko umuyobozi mukuru aherutse kugenwa yanse kuduga gukorera i Gitega, agahitamwo kumanukana ibisata bimwe bimwe gukorera i Bujumbura.

 

Ibindi bisa n'ibi