I. Impunzi izwi kw’izina rya Minani Albert yaraye yiciwe kuri uyu wa gatatu ku birometero 2 vy’ikambi y’impunzi z’abarundi iri i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Abagabo 3 b’aba Tanzaniya akaba ari bo bakekwa kuba bamwishe, nk’uko vyemezwa n’umutambukanyi wiwe, bari bari kumwe. Igipolisi ca Tanzaniya akaba ata co cafashije abo babuze umuntu, mu gukora amatohoza ngo abakoze iryo bara bafatwe, aho bamenyesha ko yari yasohotse ikambi atabifitiye uruhusha.
II. Mu runani CBDH-VICAR rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi, bavuga ko bababajwe cane kubona impunzi z’abarundi zibandanya kwicwa ata camira, mw’ikambi ya Nyarugusu. Urwo runani rubabazwa kandi n’uko ubwo bwicanyi bwiyongera ku yandi mabi zidasiba gukorerwa. Jean-Bosco Vyizigiro avugira urwo runani asaba ko hoba amatohoza akwiye, kugira abaraye bishe iyo mpunzi bamenyekane bongere bahanwe hisunzwe amategeko.
III. Leta y’Uburundi hamwe n’igisirikare ni bo bategerezwa gusigura iyo bashize abanyagihugu 8 banyurujwe, n’ubu atawuzi irengero ryabo, muri benshi bakorewe ubwo bwicanyi. Ishirahamwe FOCODE rikaba ryarateguye kubashikiriza amatohoza yakoze kuri abo banyagihugu 8, mu gihe hasigaye iminsi mike ngo hahimbazwe umunsi wahariwe abakorewe ayo mabi, wama wibukwa ku wa 30 Myandagaro uko umwaka utashe. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, amenyesha ko izi ndwi zibiri bagiye gushikiriza ivyavuye muri ayo matohoza, bazoshimikira kandi ku kudahana kwakurikiye ubwo bwicanyi.
IV. Ishirahamwe FOCODE rirasaba umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto Général Prime Niyongabo kuva mu gacerere, akerekana aho bashize abo bantu banyurujwe mu 2021.
V. Ubutegetsi bwa CNDD-FDD buriko burabandanya umugambi wo kuburabuza umugambwe CNL utavuga rumwe na bwo, mu gutinya y’uko bwotakaza intsinzi mu matora yimirije. Niko bibonwa na Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL ku mugabane wa buraya. Ni inyuma yaho haherutse kugenwa uwuramutswa umugambwe CNL habanje gukurwa Agathon Rwasa, bigakorwa n’umugwi w’abashingamateka cumi baherutse kwiyonkora babanje gufutwa mu mugambwe. Aimé Magera arahumuriza ko uwo mugambi avuga ko uriko utegurwa na C NDD-FDD, utazogira ico ushitseko kuko abanywanyi ba CNL bashigikiye Agathon Rwasa n’inzego zose z’umugambwe.
VI. Urunani rw’amashirahamwe mpuzamasyndicat COSYBU n’ihuriro ry’amashirahamwe y’abakozi CSB asaba umukuru w’igihugu gufata ingingo zibereye ku bijanye n’iduzwa ry’ibiciro vy’ivya nkenerwa ryabaye ndanse, aho umunyagihugu canke umukozi kubera agashahara k’intica ntikize bisigaye bibagora kubaho mu buzima bwa minsi yose. Gilbert Nyawakira wo mw’ihuriro ry’amashirahamwe y’abakozi bahurikiye muri CSB, avuga ko ico ari kimwe mu vyo ayo mashirahamwe asaba umukuru w’igihugu mu rwandiko aherutse kumurungikira, ku bijanye n’ibibazo abakozi bafise muri kino kiringo. Hari mu kiganiro ayo mashirahamwe yatanze kuri uno wa kane.
VII. Bishujwe ikori ry’umwaka kabiri. Abo n’abadandaza bo muri komine Ntega mu ntara ya Kirundo. Ivyo bikaba vyateye imyidogo myinshi. Abo badandaza bari bamaze kwishura iryo kori nyene mu ntango z’umwaka, bakaba basabwe gusubira kuryishura muri uku kwezi kwa Myandagaro. Bagasaba umushikirangangji w’Intwaro yo hagati mu gihugu ko yobabariza musitanteri ayo batanze ko boyasubizwa, canke bakareka kwakwa ayandi.