Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/09/2020

Publié le 17 septembre 2020 par Rédaction

I. Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi uhamagarira amakungu gushinga ijisho ku Burundi. Mu kiganiro uwo mugwi wahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, biciye ku buhinga bwa none, abagize uwo mugwi bamenyesheje ko ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bitigeze bicureha, kandi ibimenyetso bibi vyerekana itosekazwa ry’agateka ka muntu biguma vyibonekeza, n’aho habaye ihinduka ry’abategetsi.

II. Abarongoye Uburundi bari bakwiye kuva mu gacerere barimwo, bakabwira abarundi ibiriko biraba. Bivugwa na Pacifique Nininahazwe aharanira agateka ka zina muntu. Arerekana ingene leta iguma yihoreye mu gihe kuva italiki 23 z’ukwezi kw’umunani hatanguye kuvugwa ibitero yv’abitwaje ibigwanisho, ivyo navyo bikaba bimaze guhitana ubuzima bw’abatari bake. Hakaba n’abahoze mu gisirikare ca kera baguma bafatwa be n’abo mu mugambwe CNL, harimwo n’abaserukira abandi baturuka muri uwo mugambwe.  Muri abo, Pacifique NININAHAZWE, arongoye ishirahamwe FOCODE aratanga uturorero.

III. Ishirahamwe ACAT-Burundi naryo rivuga ko rifise impungenge ku bijanye n’ingene agateka ka zina muntu kariko karasinzikazwa mu Burundi, inyuma y’ibitero vy’abitwaje ibigwanisho bigize imisi biba, guhera itariki 23 Myandagaro uno mwaka, mu ntara za Rumonge, Bujumbura na Bubanza. Mu gihe bimwe muri ivyo bitero vyahitanye abakenyezi n’abigeme badafise uruhara muri izo ntambara, Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe ACAT-Burundi ariyamiriza ihonyangwa ry’amasezerano mpuzamakungu akingira abanyagihugu mu gihe c’ingwano.

IV. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere n’umutekano, bwarafashe ingingo yo guhagarika kuririmba mu bunywero “karaoke” co kimwe n’ibiteramo vy’amashengero mw’ijoro, ngo mu ntumbero y’ugukingira abanyagihugu barara badasinziriye kubera urwamo rw’iyo miziki. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira ngo iyo ngingo ishobora kuba ahubwo yafashwe kubera umutekano muke uri mu gihugu.                                                                 

V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 332 bafunzwe. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu, yiyamirije.

VI. Kuganira n’ugusubiza hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bifitiye akamaro kanini igihugu c’Uburundi. Uyo n’umwihwezo wa Faustin NDIKUMANA, umuhinga yitaho ivy’ubutunzi n’intwaro ibereye, afatiye ku bivugwa ku migenderanire hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ONU. Uyo muhinga amenyesha kw’imfashanyo ziva mur’iryo shirahamwe ziba ari ngirakamaro, kuko zica mu bisata bitandukanye birikomokako.

VII. N’akanyamuneza ku mpunzi z’Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo giharanira intwaro rusangi. Ishirahamwe ry’aba Hollande Warchild ryaratanze kuri uyu wa gatatu inyigisho ku baserukira izo mpunzi.  Izo nyigisho zijanye no kujisha hamwe no kworora amafi, zikazofasha izo mpunzi kwiteza imbere.

Ibindi bisa n'ibi