Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/09/2022

Publié le 17 septembre 2022 par Rédaction
I. N’ingingo yatanganje iranababaza urwego rw’abashingantahe. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano yankiye urwo rwego guhimbaza imyaka 20 rumaze mu gihugu. Ibintu vyose vyari vyamaze gutunganywa kugira ngo ivyo birori vyari kubera mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu bibe.
II. Umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Kirundo arakekwa kuba yarariye igiturire. Ivyo bikavugwa kuko hoba hari umuntu apfungiwe mu gasho ka sentare ya Kirundo, yankiye incuro zibiri guha imodoka imwunguruza kugira aje kuburana muri sentare isubiramwo imanza i Ngozi. Uwo apfungiwe aho, yitwa Nduhirimisi Sylvain, akaba ariko aburanya umwishwa wiwe kubera sentare ya Kirundo yamweguriye igice c’itongo ryiwe, itabanje kwumviriza uyo Sylvain.
III. Hari zimwe mu ngingo zari zikwiye gufatwa inyuma yaho hasohokeye ingingo y’igisata c’iyungururizo ca sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko EAC, kugira bamwe mu bakorewe amabi avuye ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, sentare yemeje ko caciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro y’Uburundi, barenganurwe. Muri izo ngingo harimwo nko kurekura abanyororo bazira ico kiringo, canke hakaba ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Ukwo niko bibonwa n’umushingwamanza Bernard Maingain, umwe mu baburanira abakorewe amabi kwitura sentare mpuzamakungu.
IV. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye asabwa gukorera ku ngingo ya sentare y’ibihugu bigize umuryango wa afrika y’ubuseruko, kugira anywanishe abarundi bacanyemwo kubera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cagaragayemwo guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha. Ukwo niko bivugwa na bamwe mu barundi bahunze igihugu, bavuga y’ukwo biteze vyinshi kubw’iyo ngingo ya sentare ya EAC, bagasaba n’umugambwe uri ku butegetsi kuva mu gacerere.
V. Ikigabane Kw’isoko c’uno munsi, kiza gushimikira ku ngorane z’ubukene bw’ibifungurwa burangwa mu mashure amwe amwe afise uburaro mu gihugu, muri kino gihe umwaka w’ishure mushasha utanguye.

Ibindi bisa n'ibi