I. Ubuzima bw’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO burageramiwe. Ni mu gihe ata burenganzira afise bwo gutembera mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho asanzwe afungiwe, kugira ngo anonore imitsi, na rirya ibirenge vyiwe vyatanguye kuvyimba. Kubwa Jean Claude NTIBURUMUNSI arongoye igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-BURUNDI, ngo abayobozi b’ibohero rikuru rya Mpimba bakwiye kwubahiriza amategeko mpuzamakungu Uburundi bwashizeko umukono, yubahiriza agateka k’abanyororo.
II. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatandatu iminsi 362, bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.
III. Inyuma y’intara ya Rumonge, umugwi CVR ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi, kuri uyu wa gatandatu, werekanye ibisigarira vy’abantu uvuga ko bishwe mu mwaka wa 1972 mu ntara ya Makamba. Ivyo bikorwa vyabereye ku musozi Gikuzi, zone Gikuzi wo muri komine Vugizo, mu ntara ya Makamba. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo mugwi, yavuze uwo mugwi wakoreye mu ma komine ya Mabanda, Vugizo, Makamba, Kayogoro. Akaba yamenyesheje ko muri ayo ma komine yose, hamaze kuboneka ibisigarira bingana 1191. Pierre Claver Ndayicariye yongeyeko avuga ko hari ibinogo 16 babwiwe, ariko bitaratorwamwo abishwe.
IV. Umugwi w’igihugu ujejwe ukuri no kurekuriranira CVR warerekanye kuri uyu wa gatanu mu ntara ya Rumonge, ibisigarira vy’abantu 1221, bivugwa ko ari ivy’abantu bishwe mu mwaka wa 1972. Uwurongoye inama nshingamateka Gélase Ndabirabe yari yashitse muri iyo ntara, akaba yifatiye mu gahanga umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi, mu kuvuga y’uko uwo mugwi ata mahoza wakoze ku bantu bishwe mu mwaka wa 1972. Umunyepolitique Karori Mukasi yahoze arongoye umugambwe UPRONA, avuga ko iyo mvugo y’uwurongoye inama nshingamateka ari iyo kwikurayo be no kwiyagiriza, kubera ubwicanyi buhari buriko bukorwa n’intwaro ya CNDD-FDD. Kubwiwe, ayo magufa bariko barazura, ntacerekana ko ari ayo mu mwaka wa 1972, kubera abantu bamaze kwicwa ku ntwaro ya CNDD-FDD ari benshi.
V. Ibanki y’isi yose igiye gutanga imfashanyo ingana n’imiliyaridi 12 z’ama dorari ya amerika, azofasha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere, kuronswa urucanco rw’ikiza ca Covid19, hamwe no gupima no kuvura ico kiza. Ivyo biri mw’itangazo risozera inama y’abayobozi b’ibanki y’isi yose yabereye i Washington muri reta zunze ubumwe za amerika.
VI. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Kayanza no mu micungararo yaho, baridogera abajejwe ubutungane kuba barekura inkozi z’ikibi zitaburanishijwe. Muri zo, hakaba harimwo ababa bagirizwa ubusuma bujanye n’ubwicanyi. Ivyo babishikiriza mu gihe haheruka kurekurwa bene abo bantu bashika 30. Abo banyagihugu bakidoga bavuga ko bamwe muri abo barekurwa muri ubwo buryo, aribo bagaruka bakabandanya ubugizi bwa nabi.
VII. Inyigisho z’ihonyabwoko, ukudahana ivyaha, kunyonora amatungo ya reta, no guhohotera agateka ka zina muntu, ni bimwe mu bizingamitse igihugu c’Uburundi. Ivyo biri mu gitabo giherutse kwandikwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize ; igitabo yise IGIHUGU CAFASHWE MPIRI. Kuri uno wa gatandatu, niho yashize ahabona ico gitabo mw’ishure kaminuza katolika y’i Louvain mu Bubirigi. Abarongoye igihugu ngo nibo babifisemwo uruhara nk’uko Dieudonné Bashirahishize abivuga.
VIII. Dieudonné Bashirahishize atera akamo abarundi kuhagabira, bakaraba ingene bogarukira igihugu cabibarutse.
IX. Ikiganiro Kw’Isôko c’uyu musi kigaruka ku kungene umusi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza, uhimbazwa ku wa 16 Gitugutu ukwo umwaka utashe, washitse abarundi badafungura neza.