-
Umukuru w’umugambwe CODEBU Kefa Nibizi abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuruyu wakabiri. Kefa Nibizi yajanyweyo mw’ibohero inyuma yo kumvirizwa n’umushikirizamanza makuru wa Republica. Uyo mukuru w’umugambwe akaba yagirijwe icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mugihugu. Ivyo akaba yavyagirijwe inyuma yivyo umugambwe arongoye washikirije kurubuga rwa X rwahoze ari Twetter ko Uburundi buri mubukene butagira izina kubera uburungozi bubi. hari kw’igenekerzo rya 13 Gitugutu uyu mwaka mugihe Uburundi bwariko buhimbaza imyaka 62 iheze umuganwa Rudoviko agandaguwe.
-
Agateka k’abanyororo karahungabanye cane mu kiringo c’ukwezi kw’indwi, ukw’umunani n’ukwicenda muri uwu myaka nyene turimwo. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rukristu ACAT BURUNDI ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Mu cegeranyo iryo shirahamwe riherutse kugira , rivugako ryansanze muri ico kiringo , abanyororo batari bake barahohotewe, barakwa uburenganzira bwabo mu vyerekeye ugufungura n’ukwivuza, baragira n’izindi ngorane nyinshi zijanye n’ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero atandukanye. Izo ngorane , iryo shirahamwe ACAT BURUNDI ryazisanze cane cane mu mabohero ya Gitega , Muyinga na Muramvya nkuko bivugwa na Jean Claude Ntiburumusi arongoye igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe.
-
Ishirahamwe ACAT BURUNDI risaba leta y’Uburundi kwubahiriza amategeko yubahiriza agateka k’abanyororo, no gushiraho politike nyayo ijanye no kugabanya ibitigiri vy’abanyororo mu mabohero.
-
Mu minsi mike igenekerezo rya 21 Gitugutu, u Burundi buzokwibuka imyaka 30 umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe cokimwe n’ubundi bwicanyi bwakurikiye. Inyuma y’imyaka 30 abategetsi b’u Burundi ntibaranyurwa n’intwaro rusangi Ndadaye yaharaniye kuko uko bayivuga batayihuza n’ibikorwa bakora. Bivugwa na Léonard Nyangoma, umwe mubagendanye n’umuhisi Melchior Ndadaye. Léonard Nyangoma asaba abategetsi kubarihiza intwaro rusangi bagashira imbere kugendera amategeko.
-
Kwi genekerezo rya 17 Gitugutu ukumwaka utashe amakungu arahimbaza Umusi mukuru wahariwe kurwanya ubukene. Uyu musi ariko ushitse ubukene buzura inzara mu Burundi. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba ari na we arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kwiterambere rirama. Mu kubivuga, uwo muhinga afatira ku bintu vyinshi harimwo umwimbu utifashe neza, n’ubukene budasanzwe abanyagihugu barimwo.
-
Avuga kandi ko atabukene bushobora kugwanywa ata gutanganya neza ibikorwa no kurwanya ibiturire, hamwe n’ibindi bitari bike.
-
Umutumire wa radio Inzamba agateka kawe Leonard Nyangoma.