I. Mw’ijambo ryiwe ryo gusozera indwi yahariwe umugwanyi, Petero Nkurunziza yagabishije abanywanyi ba CNDD-FDD ko atawuzokwererwa no guhemukira uwo mugambwe. Petero Nkurunziza yafatira akarorero ko mu mwaka wa 2015, aho habonetse benshi muri abo yise abahemu, hari kuri uno wa gatandatu muri komine ya Mubimbi mu ntara ya Bujumbura.
II. Iryo jambo rya Petero Nkurunziza ngo nta kinyoma kirimwo, uretse ko umuhemu wa CNDD-FDD ari Petero Nkurunziza ubwiwe, ata mahoro ashobora kuzoronkana abagumyabanga. Uko niko bisigurwa na Léonidas Hatungimana yahoze ari umuvugizi wiwe, banasangiye urugamba bakiri mw’ishamba. Ku bwiwe, ngo intwaro ya Petero Nkurunziza iteye kubiri n’ivyo baharaniye bifatiye ku kurwanira demokarasi mu gihugu.
III. Léonidas Hatungimana yongerako kandi, ko mw’ijambo rya Petero Nkurunziza habonekamwo ubwoba bwinshi, kuko azi neza ko akikujwe n’abagumyabanga baterekwa ivyo akorera abarundi. Akabatera akamo guhagarira akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD.
IV. Urunani rw’ abarundi b’intungane Réseau des Citoyens Probes mu gifaransa, ruriyamiriza imvugo zivangura, zikanabiba urwanko, zishikirizwa n’abategetsi mu gihugu, mu bikorwa bihuriramwo benshi biba vyatunganijwe na leta. Mu cegeranyo caryo co mu kwezi kwa Gitugutu, ishirahamwe RCP ridomako urutoke umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ubwiwe, ko mu ngendo agira mu bikorwa yise ivyo gukabura abarundi “moralisation de la société” mu gifaransa, akoresha imvugo ityoza bamwe kandi ikanavangura, akarorero igihe yari mu ntara ya Muyinga. Ishirahamwe RCP riratanga n’utundi turorero, tw’amajambo abiba urwanko ashikirizwa n’abandi bategetsi, iryo shirahamwe rigasaba ko iyo ngendo yohagarara. Gervais NIBIGIRA n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe urunani rw’abarundi b’intungane.
V. Uko buca, niko amagorwa agenda yiyongera ku mpunzi z’Abarundi ziba muri Tanzaniya. Mw’ikambi y’i Nyarugusu, ngo nta miti bakironswa. Inkuru ziva mur’iyo kambi, zivuga ko ivuriro rya Croix Rouge ikorana na HCR, risanzwe ribavura, rivuga ko imiti yaheze ariko bariko barondera uko bozana iyindi. Ariko impunzi zo, zibona ko ari uburyo bushasha, bukomeye bwo kuzisunika ngo zitahe ku nguvu. Izo nkuru zivuga ko, ibura ry’imiti riva ku bushake buke bwa Croix Rouge, buva ku gitsure c’ubutegetsi bwa Tanzaniya budasiba kubabwira ngo basubire iwabo. Ikambi y’i Nyarugusu irimwo impunzi zirenga ibihumbu mirongo itanu n’umunani (58).
VI. Nta gihugu na kimwe abantu baticwa, no muri komine Kasulu abantu birirwa baricwa. Ivyo n’ivyashikirijwe na musitanteri wa komine Kasulu, ejo ku musi wa gatandatu, igihe we na komiseri ajejw’impunzi muri Tanzaniya, bari bagendeye impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nyarugusu. Aho akaba yariko abwira impunzi z’abarundi ko zotahuka, atacotuma ziguma mu buhungiro.
VII. Abantu 3 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, abagera kuri 31, bagizwe n’abanywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Ngozi, barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, mur’ino ndwi turiko turasozera. Ibi bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’isekeza SOS Torture Burundi. Ku bwa Aimé KWIZERA, ajejwe gutanga amakuru muri iryo sekeza, ngo kuva muri Mukakaro, SOS Torture Burundi imaze kumenya abantu barenga 70 bagandaguwe, ababagandaguye akaba ata n’umwe kugeza uno munsi aramenyekana. Abakekwa gukora ayo mabi, ni bamwe mu nzego z’umutekano hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.