I. Jean Marie Rurimirije, umwe mu bagwizatunga somambike b’umuhisi Petero Nkurunziza yinjijwe mw’ibohero rya Mpimba, kuri uyu wa kabiri. Uyo yahoze ari n’umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku ntwaro ya Petero Nkurunziza, ico yagirizwa ntikiramenyekana.
II. Imyidogo n’agashavu ni vyo birangwa mu bakozi b’itororokanirizo ry’amakuru mu Burundi ABP, kuva hamenyekanye ubunyonyezi bwakozwe n’abahora barongoye ico kimenyeshamakuru ca leta. Abo bakozi gushika ubu, bagira bakwize amezi abiri ata gashahara kabo baronse, mu kurindira ko ibintu bidadanuka. Hakaba hibonekeza ariko ukutumvikana hagati yabo, biturutse ko bamwe bashaka ko ubushikiranganji bakukira bufatanije n’ubw’ikigega ca leta, bwoba burabahemba, bufatiye ku mishahara bahorako, nayo ikindi gice c’abakozi kigasaba ko botenyenya mu guhembwa, kugira habanze hamenyekane imishahara yabo y’ukuri.
III. Hari umugabo yaraye afashwe n’igipolisi muri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke. Yagirizwa ko yoba ari mu baheruka kwiba amafaranga mw’ishirahamwe Savonor. Kuri uyu wa mbere, akaba yarerekanye mu ntara ya Rumonge, igisandugu kirimwo imiriyoni hafi 300 mu mafaranga y’amarundi yibwe muri iryo shirahamwe.
IV. Umugambwe CNDD-FDD waratanguje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 munyonyo, indwi yahariwe abagwanyi. Mu birori vyo kubibuka vyabereye mu ntara ya Bubanza, icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yamenyesheje ko abagwanyi baguye ku rugamba bazize intwaro mbi y’abategetsi bo muri kahise, ibitabonwa kumwe n’abatavuga rumwe na leta.
V. Abantu amajana atandatu na mirongo itatu nibo bamaze kwandura umugera wa corona virus kuva uyo mugera umenyekanye mu Burundi. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida, aho buvuga ko aha nini abatorwa uyo mugera ari abantu baba baje bava hanze y’igihugu.
VI. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Izo mpunzi zikidogera ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, ko ridaherutse kubaha ibikoresho vyo mu nzu, kuva mu mwaka 2015. Bagasaba ko iryo shirahamwe ryobaronsa ivyo bikoresho, atari uko naho bakabareka bagahungira mu bindi bihugu.