I. Umuryango w’umunyeshure Aristide Irangabiye yerekanywe kuri uyu wa kabiri n’iperereza mu bagize ibitero bafadikanije n’imihari igwanya leta, uramirira kure ivyagirizwa umwana wabo. Bakavuga yuko ari irementanya. Basaba ko yorekurwa akabandanya amashure yiwe ya kaminuza.
II. Mu mugambi Ndondeza, bita ibinyoma vyigendera ivyo Pierre Nkurikiye yaraye ashikirije ku bijanye n’uwitwa Alain Bashirahishize, yagirizwa kuba ari we yari ararongoye wa mugwi w’aba reberi 19 ba Red Tabara, batanzwe n’igihugu c’Urwanda. Pacifique Nininahazwe arongoye uyo mugambi Ndondeza yemeza ko Alain Bashirahishize ashobora kuba yishwe ari mu minwe y’igipolisi, ico bita exécution extra judiciaire mu gifaransa, hari mu kwezi kw’indwi guheze.
III. Imbonerakure zafatanywe itonga zateye ama grenade hirya no hino mu gihugu zaciye zigandagurwa ubutarariye. Nta matohoza y’ubutungane yigeze akorwa ngo hamenyekane iyo izo grenade batera zazanana, n’aboba bari babatumye kuzitera. Tugaruke kuhabereye ivyo bitero vy’ama grenade n’uko izo mbonerakure zishwe n’abapolisi.
IV. Umunywanyi w’umugambwe CNL azwi kw’izina rya Matata Emmanuel aturuka muri zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura, yafashwe kuri uno wa gatatu n’uwitwa Cimpaye, arongoye iperereza mu ntara ya Bujumbura, hari igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo. Mu nyuma hakaba hahavuye hafatwa n’umukenyezi wiwe, nk’uko amakuru dukura aho mu Gatumba abimenyesha.
V. Igisasu bita mine hamwe n’umwambaro w’ibirato vya gisirikare, vyerekanywe n’imbonerakure kuri uyu wa kabiri, ku mutumba Mujigo, komine Buyengero, intara ya Rumonge. Ivyo bikoresho bikaba vyatowe mw’ifuru y’amatafari impande y’akabare kari aho bita Kwishwi. Ibitakiriwe neza na bamwe mu banyagihugu begereye aho ivyo bigwanisho vyatowe, bavuga ko bashaka kubakorera irementanya ; bagasaba ko hoba amatohoza ku bijanye n’itorwa ry’ivyo bigwanisho.
VI. Abanyororo 10 baramaze gutorwa umugera w’ikiza ca Covid-19 mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi mu ntara ya Muyinga. Gushika mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, ubwoba ni bwinshi mu bapfungiwe muri ako gasho, kuko bibaza ko inyuma y’abo 10, n’abandi bashobora kuba baranduye. Irwirirana ry’abafungwa mu busho, ugufata minenerwe kw’abategetsi ikiza ca Covid-19, bikaba ari bimwe mu bituma uwo mugera urwirirana.
VII. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bo mu buyobozi bw’igisata kijejwe gutanga impapuro ndangamatongo titres fonciers, bamenyesha ko bamaze amezi atanu ata mushahara baronka. Ababarongoye ngo babasigurira ko ari kubera babashize hamwe n’igisata bita cadastre. Ikindi n’uko abo bakozi batakivuzwa na Mutuelle kubera amadeni umukoresha aheranye. Bagasaba umukuru w’igihugu gufata ico kibazo mu minwe.
VIII. Icizere ni cinshi mu bishobora guhinduka mu gisata c’ubutunzi mu Burundi. Ni mu gihe hategekanijwe inama rukokoma mu vy’ubutunzi ku ma genekerezo ya cumi n’umunani (18) na cumi n’icenda (19) Munyonyo uno mwaka, iyo nama ikazohuza abategetsi batari bake, harimwo n’umukuru w’igihugu n’abanonosoye ibijanye n’ubutunzi. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM arakeza iyo ntambwe y’ugukoranya iyo nama, agasaba ko ibizovamwo vyoshirwa mu ngiro bidatevye. Arongera agasaba abanyagihugu kuba hafi y’ababarongoye mu kurereka ko hakurikizwa ibizopfundikwa muri iyo nama.
IX. Umugabo azwi kw’izina rya Bigirimana Jean Claude w’imyaka 44 n’umwana wiwe w’imyaka itandatu (6) baraye bapfuye basomye nturi mu kiyaga Rwihinda. Hari ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, aho bariko barajabuka mu bwato bataha bava ku mutumba wa Cewe, baja aho basanzwe baba ku mutumba wa Bugera, uri muri komine n’intara ya kirundo. Abaje kubatabara bagiye kubatora mu gitondo co kuri uyu wa gatatu bamaze gusoma nturi, nk’uko vyemezwa na musitanteri wa komine Kirundo Viateur Habimana.