Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/11/2022

Publié le 17 novembre 2022 par Rédaction
I. Kanyana Aimée Laurentine, ni we yatowe kuri uyu wa kane n’inama nshingamateka ngo abe umuhuza w’abarundi. Ku bashingamateka 120, 109 ni bo bamutoye. Akaba agiye gusubirira muri ayo mabanga Edouard Nduwimana yarangije ico kiringo. Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB amenyesha ko abantu bama batorwa kuja muri ayo mabanga baranzwe na kahise kabi. Ngo umuhuza yategerezwa kuba umuntu asa n’ukwo ataho ahengamiye mu vya politike.
II. Umushikiranganji w’ubutungane ngo yarakwiye gushiraho integuro yozana impinduka mu gisata c’ubutungane, kugira bakosore ingendo yo gutevya ama dossier bikorwa n’abacamanza. Ukwo niko bisigurwa na Me Janvier Bigirimana, yanonosoye amategeko akaba anaharanira agateka ka zina muntu. Aranegura imvugo yita iya politike, yo kwizeza ko bagiye gushiraho ingingo zizotuma imanza zitabandanya kudindira mu ma sentare. Imvugo itigera ijana n’ingiro kubwa Me Janvier Bigirimana.
III. Uyo mushikiranganji nyene ngo akwiye kandi gufatira ingingo abashikirizamanza batubahiriza ingingo yafashe yo kugabanya abafungwa mu busho. Bishikirizwa n’umushingwamanza Jean-Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Ivyo abivuze mu gihe hari imyidogo mu banyororo bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Gitega, bavuga ko bapfungiwe mu gasho k’imitero zitatu kuri 3 kandi bataronka n’aho bituma. Ku bwiwe, ivyo biva ku nyifato y’abacamanza bamwe bamwe bakoresha ububasha bafise mu gufunga hisunzwe akarenganyo, abantu bari kuburana bidegemvya.
IV. Umwaka uraheze inama rukokoma y’ubutunzi ikoranye mu Burundi. Kugeza ubu akaba ata cakozwe kandi yari inama yitezweko vyinshi, aho mu vyivugo vy’aho bifuza ko kugeza mu mwaka wa 2040, Uburundi bwoba bwavuye mu bukene. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana umukuru w’ishirahamwe PARCEM, rihamagarira abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe, birababaje kubona ivyavugiwe muri iyo nama vyabaye amasigaracicaro.
V. Umugambi wa leta wo guteza imbere abanyagihugu mu kubaronsa ibintu vya nkenerwa nk’amazi meza, no guteza imbere ibindi bisata ufashwe mu mugongo n’ubumwe bwa bulaya, ngo waranguwe neza. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa kane mu gisagara ca Bujumbura, mu nama yahuje umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, Ibrahim Uwizeye, ari kumwe n’abarongoye intara zose z’igihugu, n’uwuserukira umuryango w’ubumwe bwa bulaya mu Burundi.  Ni mu gihe uyo mugambi w’imyaka itatu, usa n’ukwo uriko urasozera ico kiringo ca mbere.

Ibindi bisa n'ibi