Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/12/2019

Publié le 17 décembre 2019 par Rédaction

I. Abategetsi bo mu nzego zo hasi harimwo n’aba musitanteri, baradomwako urutoke n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, ko ari bo baza kw’isonga mu kutihanganirana muri kino kiringo twimirije amatora. Ariko Tatien Sibomana, umunyepolitike ari mu gihugu avuga ko ivyashikirijwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ari imvugo yo kwikurayo kuko izo ndongozi zifise aho zitwarwa munzego zo hejuru.

II. Isekeza  ry’iminsi 90 ry’ishirahamwe CB-CPI hamwe n’urunani rw’abamenyeshamakuru b’Abarundi, ryo guhimiriza abakorewe amabi aturutse ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza,  kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI rirabandanya. Me Philippe Currat umwe mu baburanira abahohotewe muri iyo sentare, amenyesha ko iyo sentare yashizeho programme yorohereza abahohotewe kuyishikira  bitagoranye.

III. Abantu 4 barishwe, 9 barafungwa bidakurikije amategeko, umwe nawe arafatwa ku nguvu. Ivyo biri mucegeranyo c’umuhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu, gisohoka buri ndwi. Nsabimana Andrée ari mu gisata co kumenyesha amakuru muri uyo muhari, akamenyesha ko bamwe mu bajejwe intwaro imbonerakure n’igipolisi aribo boba barakoze ayo mabi.

IV. Hari umudandaza wo mu ntara ya Cibitoke yabuzwe irengero kuva kuri uyu w’imana. Amakuru ava muri iyo ntara akavuga ko yabuzwe irengero igihe yahamagarwa n’umuntu n’ubu ataramenyekana. Umuryango wiwe ukaba ufise amakenga menshi kuwabo atawuzi iyari gushika ubu.

V. Amategeko agenga uburenganzira bw’impunzi cane cane amasezerano mpuzamakungu y’i Genève yo mu mwaka wa 1951, arategekanya y’uko ibihugu vyakiriye impunzi bitegerezwa gukora utwigoro twose dushoboka kugira ngo impunzi zishobore kubaho neza, zishobore no kuronka uburenganzira bwo kuba mu gihugu zahungiyemwo ata nkomanzi n’imwe. Ivyo n’ibivugwa n’umushingwamanza, Janvier Bigirimana, mu gihe hari abarundi bamaze imyaka igera kuri 10 barahungiye i Kakuma mu gihugu ca Kenya ariko gushika ubu batararonswa impapuro. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, ibiriko birakorerwa abo barundi basaba ubuhungiro biratandukanye n’amategeko.

VI. Hari umuryango utabariza uwabo amaze igihe apfunzwe akongera akaborezwa igufa. Moise NDAYISENGA n’umurundi w’impunzi ari mw’ikambi ya Nduta, mu gihugu ca Tanzaniya. Akaba yafashwe n’umukuru w’abafasha aba polisi gucungera umutekano w’ikambi bita abasungusungu. Umuryango wiwe ukaba usaba leta ya Tanzaniya n’ishirahamwe HCR gukingira iyo mpunzi kuko ngo ishobora no kugandagurwa.

VII. Umwe mu ndongozi z’umugambwe CNL muri komine ya Gitobe, mu ntara ya Kirundo, amaze imisi ibiri mu gasho ka komine inyuma y’aho afatiwe muhira iwe, arakubitwa n’imbonerakure zirongowe n’uwitwa Ntahombaye Zappy George. Iyo ndongozi Simbarakiye Celestin ngo yoba azira ko ayobokwa cane n’abo muri CNL bo muri komine ya Gitobe nk’ukwo bisigurwa n’umwe mu babonye ukwo vyagenze.

VIII. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta rirafise impungenge ko igihugu gishobora kugwa mu kaga, biturutse ku madeni aguma aba umurengera. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’iryo shirahamwe. Gabriel Rufyiri arirongoye akabona ko igihugu cari gikwiye nyabuna gushira imbere ineza y’igihugu mu gutora amahera akoreshwa n’igihugu buri mwaka. Hagakorwa kandi n’imigambi yotuma abantu bazana imitahe mu gihugu.

Ibindi bisa n'ibi