I. Umunyororo Dieudonné Nsengiyumva batazira Rwembe asanzwe arongoye imbonerakure muri komine Nyabihanga, y’intara ya Mwaro, abandanya gufatwa nk’umwigisha kw’ishure shingiro rya Murama, inyuma y’amezi arenga atandatu ari mw’ibohero. Ivyo bibonekera mu vyegeranyo birungikwa mu buyobozi bw’indero muri komine Nyabihanga, bivuye kuri iryo shure. Dieudonné Nsengiyumva apfunzwe yagirizwa kuba yaragize uruhara mw’igandagurwa ry’umunywanyi w’umugambwe CNL w’aho i Nyabihanga, mu gihe c’imyiyamamazo y’amatora.
II. Nk’uko amategeko abivuga, ngo umuyobozi w’ibohero nta burenganzira afise bwo gutanga uruhusha rwo gusohoka mw’ibohero ku mufungwa ataracibwa urubanza. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi. Ku bwiwe ngo uwo munyororo azwi kw’izina rya Dieudonné Nsengiyumva batazira Rwembe, wo mu ntara ya Mwaro, komine Nyabihanga, yama hanze mu ntumbero yo gutera ubwoba aboza kumwagiriza, abo bita ivyabona, kugira ngo aze atsindire urubanza mw’iyungururizo.
III. Ikiringo co guca imanza zadindiye z’abanyororo bamaze igihe bapfunzwe, nticubahirijwe n’ababijejwe. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi rifatiye ku bitigiri vy’abanyororo bitagabanuka. Ni mu gihe kuva mu ntango z’ukwezi kw’icenda, umushikiranganji w’ubutungane yari yatanze amezi abiri, asaba abarongoye ama sentare, kuba baheraheje imanza z’abanyororo zitaracika.
IV. Ihayanishwa rigira 3 ry’umwimbu w’amahinguriro y’Uburundi ryuguruwe icese n’umukuru w’igihugu kuri uno wa kane, ku mugwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura. Evariste Ndayishimiye yasavye abagwizatunga kwijukira gukorera mu bisata vy’ubutare, ingenzi be n’indimo. Bagatsinda ubwoba bwo gukorana n’ama banki, kugutinya guhomba.
V. Gushira imitahe mu gisata c’amahinguriro ni igikorwa gisaba ubwenge no gushishoza cane, kuko gisaba imitahe minini no guhiganwa ku kanovera k’umwimbu w’ayandi mahinguriro akomakomeye. Bivugwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, avuga ko leta ikwiye gushira mu ngiro politike itomoye ijanye n’amahinguriro.
VI. Indwara y’agasama iriko isa n’iyiriko irimonogoza mu ntara ya Muyinga. Abantu barenga 120 baramaze gufatwa n’iyo ndwara kuva mu kwezi kwa 11 kw’uwu mwaka wa 2020. Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara, bariko baragerageza kuyituza.