I. Sentare nkuru y’igihugu ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yarashashe kuri uyu wa gatanu mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muyinga, aho yaburanishije umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yagirizwa guhungabanya umutekano mu gihugu. Ivyavuye muri urwo rubanza bikazoshirwa ahabona mu misi umunani.
II. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo. Ni mu gihe hari haheze amezi arenga icenda bataronswa agasabuni. Izo mpunzi zikidoga ko naho babahaye isabuni, baronse intica ntikize, kuko umuntu umwe bamuhaye igice c’isabuni. Bakamenyesha ko bafise ubwoba ko bashobora kwandura indwara ziterwa n’isuku rike.
III. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira kw’ishorwa ry’icayi hanze y’Uburundi riheruka kunegurwa n’umukuru w’igihugu.