Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/01/2021

Publié le 18 janvier 2021 par Rédaction
I. Mu misi umunani yonyene, abantu 83 ni bo bari bamaze gutorwa umugera wa Covid-19 ku bitaro bikuru vyo mu ntara ya Kayanza. Bamwe muri abo banduye, barwariye muhira kubera kurengerwa kw’ibitaro. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo mu karere k’ubuvuzi ka Kayanza.
II. Ngo leta irakwiye gufata izindi ngingo zijanye no kwirinda ikiza ca corona. Ivyo bishikirizwa n’abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye z’igihugu, baganiriye na radio Inzamba. Ni mu gihe ibitigiri vy’abandura bibandanya vyiyongera mu ntara zitari nke.
III. Alexis Sabushimike n’umurundi aba mu Bwongereza, akora mu gisata c’ubuvuzi akaba amaze guterwa urucanco rukinga Corona. Akaba amenyesha ko urwo rucanco arufitiye icizere.
IV. Abaganga batatu bo ku bitaro bikuru vy’intara ya Muyinga barahagaristwe mu kazi, bafitaniye amatati n’ubuyobozi bw’ibitaro. Ayo matati akaba yatumwe n’uko abo bakozi bari mu banditse urwandiko rusaba ko abakozi bo kuri ivyo bitaro baronswa agashirukabute, nkuko bitegekanijwe. Bakaba badafise uruhusha rwo kuja mu kigo c’ivyo bitaro, kiretse mu gihe boba bagiye kwivuza. Abarongoye igisata c’ubuvuzi mu ntara ntaco bashima kubivugako.
V. Kubona abakozi bahanwa kubera baharaniye agateka kabo canke bagashira ahabona ibitagenda neza, birateye isoni kandi ngo nta gitangaza kuko vyabaye ingendo y’intwaro ihari, kubera ishimira abakora nabi. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC, akibutsa ko  ibitaro ari itunga rusangi.
VI. Uwo yahoze     arongoye sendika y’abakozi b’abacamanza, atera akamo abakozi b’ibitaro vy’i Muyinga guhagararira agateka ka bagenzi babo. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nabwo akabusaba guhana abagirizwa gukorera nabi ubushikiranganji. Me Vital NSHIMIRIMANA
VII. Umukenyezi w’imyaka 28 yari azwi kw’izina rya Nkeshimana Aline yaba muri karitiye Rubuyeyo mu gisagara ca Ngozi, yitavye Imana, yishwe mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa mbere.  Umugabo wiwe Emmanuel Nyandwi w’imyaka 36 akaba yagirizwa kuba ari we yishe uwo mukenyezi amucumise imbugita mu mutwe, yongera amuhondaguza ivyuma. Amakuru ava mu babanyi b’aho ibara ryabereye, akavuga ko aba bantu bari babana mugabo bidaciye mu mategeko. Ngo nta mwana bari bwavyarane kandi bari babanye nabi. Ubu rero uwo mugabo yagirizwa ubwo bwicanyi yamaze gufatwa, igipolisi kikaba catanguye amatohoza.
VIII. Abanyagihugu bo mu Maramvya muri komine Burambi, y’intara ya Rumonge, baratekewe n’ubwoba inyuma y’aho abasirikare n’abapolisi bagandaguriye umukukuruke mu gisirikare ca kera EX-FAB Come Niyongabo, ku wa gatandatu uheze. Igipolisi camwagiriza ko yoba ari mu migwi y’abantu bitwaje ibirwanisho imaze igihe ihungabanya umutekano mu karere ka komine Burambi. Abanyagihugu bafise amakenga kandi ku mutekano w’abantu bafashwe, inyuma y’igandagurwa ry’uwo mukukuruke.
IX. Urudandazwa rwa magendo rw’utumwanya tutabora ruguma rwibonekeza mu ntara ya Muyinga. Ibiro 47 vy’utumwanya duto duto tw’ibara ryera   hamwe n’ibizingo 3 bindi, akaba ari two twafatiwe i Murama muri zone ya Rugari, Komine n’intara ya Muyinga, nkuko amakuru atangwa n’abajejwe intwaro aho i Murama avyemeza. Ubwo bumwanya ngo bukaba bwafashwe hamwe n’ibinyobwa vy’imitobe, bije biva mu gihugu ca Tanzaniya, nkuko ayo makuru avyemeza. Ku musi wa gatatu w’indwi yaraye irangiye, muri Komine Gasorwe naho, hakaba hafatiwe bene ubwo bumwanya burenga 5000. Hari haheze ikiringo c’indwi irenga, hafashwe mu micungararo y’umugwa mukuru w’intara, ubundi bumwanya burenga imiliyoni zine.

Ibindi bisa n'ibi