I. Umugambwe CNDD woba uri mu nzira yo kwicamwo amashami? Komite ivuga ko ije kunagura umugambwe yamenyesheje ko ikuye uwahora arongoye uwo mugambwe Léonard Nyangoma muri ico kibanza. Mw’itangazo ryasomwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNDD kuri uyu wa kabiri, iyo komite ivuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kubogora umugambwe warushitse ahatemba. Jean Claude Basabose, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNDD.
II. Léonard Nyangoma yahunze igihugu kuva mu 2010 wewe avuga ko n’ubu akiri umukuru w’umugambwe CNDD. Ku bwiwe iyo ngingo ntaco ihindura, kandi abo bariko baramurwanya ni abashaka ko umugambwe usambuka ugacikamwo amashami. Tubibutse ko Léonard Nyangoma ari we yashinze umuhari CNDD muri 1994 wahavuye uba umugambwe mu 2005.
III. Abasirikare b’Uburundi barenga 400 barajabutse uruzi Rusizi baja mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Amakuru ava mu girikare avuga ko bajabutse mw’ijoro ry’uwa Mungu ushira uwa mbere, kandi bakaba bagiye bambaye imyambaro gisivile. Abo basirikare bagiye basanga aho muri Congo abandi bagiye haraheze imisi, aho bavuga ko intambara zibahuza n’imihari y’abarundi iri muri Congo ibera mu duce twa territoire ya Uvira.
IV. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakwiye gufatira ku karorero ko mu Rutana agahana abanyepolitike bivanga mu manza ziba ziri muri sentare, batera ubwoba abacamanza mu kubategeka ivyo bakora. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana yigeze gutwara sendika y’abacamanza SYMABU. Ni mu gihe umunyamabanga w’ umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rutana Sylvain Nzikoruriho, yagirizwa kwivanga mu manza z’abanyepolitike mu kwitorera abacamanza basasa muri izo manza.
V. Gukurikirana abakoze amabi afatiye ku gitsina yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015, ntibishoboka muri bino bihe Uburundi burimwo. Ubutungane mpuzamakungu ni bwo bwoshobora kubakurikirana na cane cane sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Ivyo biri mu mwihwezo wagizwe n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, urikumwe n’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi akurikiranwa n’ama sentare mpuzamakungu mu Burundi CAVIB. Ku bw’umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse ari mu batanguje urunani CAVIB, ivyaha vyakozwe aha nini harimwo gusambanya abantu ku nguvu, gutwaza inda ku nguvu, kuborezwa igufa canke gutotezwa bifatiye ku gitsina.
VI. Abigisha ntibagikoze ikibazo igenekerezo rya 28 za kuno kwezi nk’ukwo ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bwari bwabimenyesheje. Ni ivyapfunditswe n’umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’umukozi n’umukoresha mu biganiro vyahuje COSSESONA n’ubwo bushikiranganji. N’inyuma y’aho abagisha bari bamenyesheje ko ivyo guha ikibazo abarimu bidahagaze, bazohagarika akazi. Bishikirizwa na Parfait Nkerabagenzi, umuhanuzi muri uwo mugwi.
VII. N’umwiheburo n’agahinda mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. N’inyuma y’aho n’ubu abasungusungu baguma batemagura imirima yabo y’ibitoki n’ibigori, izo mpunzi zikamenyeshako ziriko zirarenganywa, zigasaba ko agateka kazo kokubahirizwa.