I. Abagabo babiri bavuka ku mutumba Cibari, zone Mugano, komine n’intara ya Muyinga, bari mu minwe y’igipolisi c’inyamiramabi guhera kuri uyu wa kabiri. Bakaba bahagaritswe n’igipolisi bariko bimba inzahabu, ibiciye kubiri n’amategeko y’igihugu nk’uko bimenyeshwa na musitanteri wa komine Muyinga. Amédée Misago, avuga ko iyo ngendo ariyo gutuza.
II. Icuka si ciza hagati y’urwego mpanuzwajambo be na musintanteri arongoye komine ya Mukaza. Urwo rwego nyobozi rw’iyo komine yo mu gisagara ca Bujumbura rumaze imisi rugoyagoya, nk’uko biri mw’ikete uwurongoye iyo nama mpanuzwajambo yandikiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuri uno wa mbere, ikete rirega musitanteri ko afata ingingo zitabereye, atagishije inama iyo nama mpanuzwajambo ya komine Mukaza. Bamwe mu banyagihugu b’aho bemeza ko musitanteri akingira ikibaba ku nyungu ziwe, bamwe mu barongoye ama quartiers bigenza ukutariko.
III. Bamwe mu banyagihugu bo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura baridogera abarongoye iyo komine, ko ataco bariko barakora mu gukura imyavu yuzuye poubelles zashizweho n’iyo komine. Amezi abaye atatu iyo myavu idasombwa n’ishirahamwe ryo mu gisagara ca Bujumbura ribijejwe.
IV. Ikibazo kiri kw’ishure shingiro ECOFO Gatwaro, muri komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, caturutse ku manota y’igice ca mbere c’umwaka ku bana biga mu mwaka w’icenda kuri iryo shure ataraboneka, kiracari kure yo gutorerwa umuti. Urugendo rwari rutegekanijwe n’umuyobozi w’indero muri komine Kayogoro rwarasivye. Abavyeyi babona ko ata shaka ririho ryo gutorera umuti ico kibazo.
V. Abanyororo bo mw’ibohero rya Bubanza bahora bagwaye Corona barenga ijana barapimwe kuri uyu wa kabiri, basanga abakirwaye ni batatu gusa. Barashima ingene abaganga bo ku bitaro vya Bubanza babakurikiranye, ariko bakagumana impungenge ko n’izindi ndwara n’ubu bashobora kuzandura, kuko bataronka ivyo bafungura.
VI. Haribonekeza umubano mubi hagati y’impunzi z’abarundi bari muri site ya Mulongwe muri Congo iharanira demokrasi n’abakongomani bo mu bwoko bw’Ababembe. Aho bigeze, abarundi basigaye batinya kuja gusoroma imirima yabo, bakaba bamaze imisi itatu bugaranywe. Rimwe na rimwe abo Babembe bakunda kwirara muri iyo mirima bakayisoroma canke bakayitemagura.