I. Abategetsi batandukanye ntibasiba gufata ingendo, bahimiriza impunzi ngo batahuke ku gushaka kwabo. Leta y’u Burundi na bamwe mu barongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, ntibasiba kuvuga na ntaryo ko abahunze bohunguka mu gihugu c’amavukiro. Abo bategetsi nyene nibo basubira bagasa n’abivuguruza, mu kubuza ubuserukizi bw’u Burundi mu Buganda, ngo ntibuhe impusha abanyepolitike bifuza gutahuka. Ibiboneka nk’ibihushane ufatiye kuri izo mvugo zabo zibiri.
II. Umurundi wese arafise uburenganzira bwo gutaha mu gihugu ciwe, mu gihe cose abishakiye, arafise kandi n’uburenganzira bwo gutora no kwitoza. Jérémie Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, yagiriza ubutegetsi bw’Uburundi gufata ubwo burenganzira nk’akarusho. Akaba abivuze, mu gihe ubuserukizi bw’Uburundi bwamwimye urupapuro rwo gushika mu Burundi, aho yipfuza kuja mu matora. Jérémie Ngendakumana asaba abategetsi kwikubita agashi, bakubahiriza uburenganzira bw’abantu.
III. Janvier BIGIRIMANA yanonosoye amategeko, amenyesha ko umurundi wese afise uburenganzira bwo gusubira mu gihugu ciwe igihe abishakiye. Afatira ku masezerano atandukanye Uburundi bwateyeko igikumu, harimwo n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.
IV. Abanyamigambwe batanze abazoserukira imigambwe yabo mu matora yimirije, batoye ama nomero azoranga imigambwe yabo kuri uyu wa kabiri. Mu murwi CENI wari uhagarariye ayo matora yo gutomboza, bakavuga ko inomero yatowe n’umugambwe runaka, atayindi izotorwa, kandi ko uwuzidohora mu matora atarahera azobihanirwa.
V. Agathon Rwasa azoserukira umugambwe CNL mu matora y’umukuru w’igihugu, yashikirije kuri uno wa gatatu, ingwati y’amafaranga imiliyoni 30 z’amafranga y’amarundi mw’ibanki nkuru y’igihugu. Ku bwa Agathon Rwasa, ngo n’ibisanzwe kuko yujuje kimwe mu bisabwa mu matora y’umukuru w’igihugu, nk’uko biri mw’itegeko rigenga amatora, no mw’ibwirizwa shingiro. Kurikira.
VI. Abanywanyi 8 b’umugambwe CNL bo muri komine Nyamurenza, n’intara ya Ngozi, barapfunzwe ku va ku musi wa gatanu. Abo banywanyi bakaba bahagaritswe mu gihe bariko bitegurira ikoraniro kaminuza ry’umugambwe, bwaca riba mu gisagara ca Bujumbura. Musitanteri w’iyo komine, Dieudonné Niyonzima, akaba ariwe ari kw’isonga ry’iryo fatwa ry’abo banywanyi.