Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/02/2021

Publié le 18 février 2021 par Rédaction
I. Abantu 2 baraye bapfuye bakubiswe n’inkuba, abandi 3 harimwo n’umwana w’umwaka umwe barababara cane, ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, ku mutumba wa Migongo, komine Kibago, intara ya Makamba. Abo bababaye bakaba bariko baravurirwa kw’ivuriro ryo ngaho mu Migongo. Abo bose bakaba bariko bararima nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro kuri uwo mutumba. Abo batware banagirako bahanura abo batwara kuza bariyubara iyo imvura iguye, cane cane iyo hari ibiti vyinshi ntibavyugame munsi.
II. Ikiziga catowe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18/2/2021 ku musozi Buheka, zone Mugeni muri komine Kayogoro.  Nk’uko amakuru twahawe n’abegereye igi polisi, ngo ico kiziga catowe mu ruzi Maragarazi rugabura Tanzaniya n’Uburundi, ku ruhande rw’Uburundi. Inyamiramabi ikaba ngo yamaze kuja kugira amatohoza kugira barabe ko comenyekana. Ico kiziga kikaba kigize ica 2 gitowe muri urwo ruzi muri aya mezi 2 aheze.  Uwundi nawe nyene akaba yatowe yononekaye muri urwo ruzi muri uku kwezi kwa mbere. Ikiziga nk’ico caratowe kandi muri komine n’intara Rutana, naco nyene cononekaye muri uku kwezi kwa mbere nyene.  Abarundi baja guca amahera canke bataha bava mu gihugu ca Tanzaniya aho vyavuzwe kenshi ko basahuwe, abandi baricwa na bamwe mu bajejwe intwaro, igipolisi hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure.
III. Abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bose uko ari 12 baherutse guciribwa urubanza bagirizwa guhirika ubutegetsi mu mwaka wa 2015, basaba kubarenganurwa mu rubanza baherutse kucirirwa. Ivyo biri mw’ikete bandikiye umugwi w’igihugu CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize agasaba CNIDH kubafasha gushikira izo dossiers zabo kugira biture ama sentare.
IV. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu OMCT hamwe n’amwe mu mashirahamwe yandi nka FIDH aharanira agateka kazina muntu kw’isi, arasaba ko ubutungane bwokwisubirako ku rubanza buherutse gucira bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, bagirizwa kuba bari mubagomvye gutembagaza ubutegetsi mu 2015. Delphine Reculeau ajejwe gukingira agateka kazina muntu muri OMCT, yavuze kubw’ayo mashirahamwe amenyesha ko ubutungane butisunze amategeko.
V. Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha abona ko urwo rubanza ari itotezwa ry’abantu bose badacuditse n’ubutegetsi, kugira bikunde babanyage ivyabo atacamira.
VI. Abacururiza mu ma kiosques yubatswe ku mabarabara mu ma quartiers ya Nyakabiga 3 na Rohero 1 hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, bazindutse kuri uno wa kane babomorerwa. Abo badandaza bakavuga ko ico gikorwa cabaye gihagarikiwe n’abajejwe intwaro n’umutekano. Bakabona ko bagiye kwicwa na kigoyi na cane cane ko batari bagishijwe inama ngo bitegure.
VII. Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baridogera iyo ngingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Gervais Ndirakobuca. Bamwe mubavuganye na radiyo Inzamba basaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, gukuraho iyo ngingo ije gucinyiza abanyagihugu.
VIII. Urunani rw’abarundi baba i bulaya FODIBE, rwarandikiye ikete uwurongoye inama nshingamateka y’ubumwe bwa bulaya kuri uyu wa gatatu bashikiriza umubabaro wabo ufatiye kw’ikete ubumwe bwa bulaya bwakiriye, ikete ryanditswe n’umurundi Japhet Legentil Ndayishimiye aba muri Norvège, yiyita ko arongoye urwo runani. Gratien Rukindikiza arongoye urunani FODIBE amenyeshako uwo Japhet Legentil Ndayishimiye atigeze atorwa n’abarundi baba i bulaya, ngo yagenywe  n’umugambwe CNDD-FDD nk’uwuserukira Uburundi.

Ibindi bisa n'ibi