Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/02/2023

Publié le 18 février 2023 par Rédaction
I. Abantu babiri baritavye Imana mu gisagara ca Ngozi, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu biturutse kw’isanganya ryo mw’ibarabara. Nk’uko inkuru ziva mu gipolisi zibimenyesha, ngo bose bari kw’ikinga bava mu gisagara hagati, bariko baja ahitwa mu Burengo. Bageze mu gace ka Muremera, uwari atwaye ikinga, yakatiye imodoka yari ihagaze imbere mu mukono wiwe, ngo ni ho baca bahura n’ikimodoka kinini cari kivuye mu gisagara ca Kayanza kija mu gisagara ca Ngozi, ari na ho caciye kibagonga, baca bitaba Imana ubwo nyene. Mu gipolisi i Ngozi, bagasaba abo bunguruza abantu ku makinga kugabanya umuvuduko wo mw’ibarabara, n’ukwubahiriza ivy’umukono wabo. Ivyo biziga bikaba rero vyaciye bishikanwa mu buruhukiro ku bitaro bikuru vya Ngozi kugira bukeye bice bifubanwa iteka.
II. Inyifato y’abategetsi b’Uburundi yo guhohotera abaharanira agateka ka zina muntu iri mu bicafuza isura y’igihugu c’Uburundi. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatandatu n’urunani rw’amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu CBDDH. Urwo runani ruriyamiriza ihagarikwa n’ifungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu, barongoye amashirahamwe abiri, ishirahamwe ry’abakenyezi bize amategeko AFJB hamwe n’ishirahamwe riharanira amahoro n’agateka ka muntu APDH. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye urwo runani, gutoteza abaharanira agateka ka zina muntu biriko biba mu gihe abategetsi babandanya bashikiriza amajambo meza, ariko bagakora ibihushane. Basaba ko abo bantu 5 borekurwa.
III. Na Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro, ahamagarira umukuru w’igihugu gufata ico kibazo mu minwe kugira ngo abo bafashwe baharanira agateka ka muntu barekurwe.
IV. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence burabandanya kwibonekeza mu ntara ya Kayanza. Ni mu gihe hamaze indwi ata gitoro kiboneka ku ma stations ari muri iyo ntara. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko abagendesha imiduga yo kwunguruza abantu bikora ku gitoro ca magendo, aho iritiro igurwa amafranga ibihumbi cumi na bitanu 15000, ivyo bigatuma ibiciro vy’amatike yo kwiyunguruza bica biduzwa. Abanyagihugu bo muri iyo ntara hamwe n’abasanzwe bagendesha imiduga basaba Leta gutorera umuti ico kibazo.
V. Abarimyi b’igiterwa c’umuceri barimira mu biyaya 5 biri muri komine Giharo mu ntara ya Rutana baridoga ko bagiye kwicwa na kigoyi, inyuma yaho leta ivugiye ko igiye kwubaka imyonga bahora barimiramwo ya Gatogato, Kinwa, Mazimero, Mukazye na Nyamikungu, yose iri muri komine Giharo.
VI. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi tuvuga ibijanye n’akamaro ko kwiga, inyuma y’aho umukuru w’igihugu amenyeshereje ko abize amashure menshi ata ntererano bafise ku gihugu.

Ibindi bisa n'ibi