Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/03/2021

Publié le 18 mars 2021 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, John Pombe Magufuli, yaritavye Imana kuri uyu wa gatatu ahitanywe n’indwara y’umutima ku myaka 61. Vyamenyeshejwe na Samia Suluhu Hassan yarari icegera c’umukuru w’igihugu. Ibihugu bitari bike vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bikaba vyashize ahabona ubutumwa bwo guhoza abanya Tanzania, bishiraho n’iminsi y’ikigandaro.
II. Ngo urupfu rwa président wa Tanzaniya Dr John Pombe Magufuli n’uruhombo runini kubanyafrika kuko yashira imbere iterambere rya Afrika. Ivyo bishikirizwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba anarongoye CFOR–Arusha Bamvuginyumvira Frederiko. Arongera akanakeza umukuru w’igihugu mushasha amusaba ko agateka k’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya kokwubahirizwa.
III. Inzego zirongoye igihugu muri kino kiringo ziharijwe n’abahoze ku rugamba muri CNDD-FDD bakiri mw’ishamba, kandi bagize uruhara mu guturubika no guhohotera abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza muri 2015. Ivyo biri mu cigwa cakozwe n’ikigo cigenga IFRI co mu gihugu c’Ubufaransa, cakoze ubushakashatsi ku gihugu c’Uburundi inyuma y’intwaro ya Nkurunziza.
IV. Imfashanyo y’amafaranha arenga imiriyoni 800 niyo leta y’Ubuyapani yafashishije impunzi ziri mu gihugu c’Urwanda. Iyo mfashanyo yakiriwe neza na Jean Bosco Kwibishatse aserukira impunzi zo mw’ikambi y’i Mahama. Asaba abandi bagira neza gufasha kugira ivyo gufungura navyo biboneke.
V. Abantu 14 harimwo abana n’abakuze baba ku mugwa mukuru w’intara ya Kirundo no mu micungararo yaho, nibo bariwe n’imbwa ifise indwara y’ibisazi, ku muhingamo wo ku musi wa gatatu, nk’uko amakuru ava aho ku mugwa mukuru w’iyo ntara avyemeza. Abo bantu bose bariwe n’iyo mbwa ngo bakaba bararonse urucanco rukinga ibisazi vy’imbwa. Musitanteri wa komine Kirundo, Viateur Habimana agahamagarira abandi boba bariwe n’iyo mbwa, kwihutira kuja kwa muganga. Uwo arongoye komine Kirundo asaba abavyeyi kwiyegereza abana babo, kugirango  ntibahure n’iyo mbwa isara. Asaba kandi abanyagihugu guhiga iyo mbwa ikicwa, kugira ntibandanye irya abantu. Abasanzwe batunze imbwa basabwa kuzicandagisha kandi bakazizirikira mu ngo ku mutaga.

Ibindi bisa n'ibi