I. Abantu batatu baraye bitavye Imana ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, abandi bataramenyekana igitigiri barakomereka. Hakaba hari mw’isanganya ryo mw’ibarabara ryabereye ku rugabano rw’ama komine ya Gashikanwa na Kiremba mu ntara ya Ngozi, ku mutumba wa Ruvumu. Inkuru ziva ngaho mu Gashikanwa zikanemezwa mu gipolisi gikorera mu ntara ya Ngozi, zimenyesha ko yari imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu ryitwa Oxygen, yava mu gihugu ca Kenya yerekeza mu gisagara ca Ngozi yagonze imodoka yo mu bwoko bwa Probox kubera yari yacitse amafire (freins). Abantu batatu bari muri iyo modoka yagonzwe baciye bitaba Imana ubwo nyene, abandi batazwi igitigiri barakomereka. Abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro, ibiziga vy’abitavye Imana na vyo bica bijanwa mu buruhukiro mu bitaro bikuru vyo mu gisagara ca Ngozi.
II. Intama zitanu zari mu ruhongore rw’umuhana umwe, zarishwe n’ibikoko bitaramenyekana. Ivyo vyabereye ku musozi Yanza wo muri zone Rugazi ya komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza, hakaba hari mw’ijoro ryo ku wa kane buca ari kuri uwu wa gatanu. Ivyo bikoko ngo mu kwica izo ntama vyazirya mw’izosi, aba n’abandi bakavuga ko vyazinunuza amaraso kuko nta nyama zazo vyarya. Bakikeka kandi ko vyoba vyaje bituruka mw’ishamba rya Kibira cegeranye n’uwo musozi wa Yanza. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bakaba bafise ubwoba ku bitungwa vyabo bishobora umwanya n’umwanya kuribwa n’ibikoko biva muri iryo shamba. Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kwubaka impongore zikomeye, kugira ibikoko biza kurya ivyo bitungwa ntibironke aho bimenera.
III. Indwara y’ubukangwe yihinduranye y’ubwoko bwa kabiri yaratowe mu Burundi. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatanu n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Bakaba babivuze inyuma yo gutora abantu 8 bayigwaye. Ikaba yibonekeje ubwa mbere inyuma y’imyaka irenga 30.
IV. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bivuye kw’ikena ry’isukari, aho isigaye ari umuzi w’ibuye. Amakuru ava mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko n’aho ibonetse baca bayiduza igiciro uko bishakiye, kandi ari igiterwa kirimwa mu gihugu. Abanyagihugu basaba leta gutanga isukari ikwiye, na rirya yasahiriza mu miryango muri kino gihe ibifungurwa vyaduze ibiciro.
V. Basaba leta guhagarika ipfungwa rirangwamwo agahohotero k’abaharanira agateka ka muntu mu Burundi bagera kuri 6. Abo ni abo mw’ihuriro FIACAT ry’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu. Me Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, asigura ko itangazo baraye basohoye kuri uno wa gatanu rigaragaza ko abo baharanira agateka ka muntu bapfunzwe bagirijwe ivyaha bidafashe, hinyegeje inyuma imvo za politike.
VI. Arataka atakamba ko umutambukanyi wiwe yoboneka. Uwo ni umukenyezi w’umugabo haheze indwi zitatu ataboneka mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo mukenyezi avuga ko umunega wiwe yatwawe n’igipolisi ca Tanzaniya haraheze indwi zitatu, ariko ngo iyo agiye kubaza aho umugabo wiwe ari, bamubwira ko agikorerwako amatohoza, inyishu avuga ko itumvikana. Asaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR, kugira ibishoboka vyose kugira ngo umugabo wiwe aboneke.