Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/04/2022

Publié le 18 avril 2022 par Rédaction
I. Abasirikare barenga igihumbi ni bo bitegekanijwe ko bazoja mu karuhuko ko mu zabukuru uyu mwaka wa 2022. Benshi muri bo ni abahoze mu gisirikare ca kera ex-Fab. Bamwe mu basirikare bakabona ko ibijanye n’ibitigiri bitegekanywa n’amasezerano ya Arusha mu myaka iri imbere bitazoba bicubahirijwe.
II. Kuva kuri uno wa gatandatu mu ntara ya Rumonge, igitoro gitangwa gicungerewe kugira gitangwe mu muco. Ivyo vyavuye ku bitoro vyafatanywe bamwe mu bategetsi bo muri iyo ntara, aho amalitiro agera 700 yafatiwe kwa musitanteri wa komine Rumonge, bituma haba umukazo mu kugitanga.
III. Abajejwe abakozi mu bushikiranganji butandukanye bategerezwa gutahura ingendo nshasha ya leta ijanye n’imishahara, umukozi wese mu guhembwa agaharurirwa akazi yakoze. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Thaddée Ndikumana, mu nama yagiranye kuri uyu wa mbere n’abajejwe igisata c’akazi mu bushikiranganji butandukanye, uretse ubwo kwivuna abansi n’umutekano. Ku bwiwe, abakozi ba leta ntibariko batunganiriza abanyagihugu nk’ukwo leta ivyipfuza.
IV. Dr Christophe Sahabo arakwije imisi 19 afungiwe mu biro vy’iperereza i Bujumbura. Yahagaritswe ku mugoroba wo ku wa 30 Ntwarante 2022 aho akorera ku bitaro Kira, yari asanzwe arongoye. Yagirizwa kuba yaranyuruje amatungo y’ivyo bitaro. Abanonosoye ibijanye n’amategeko, bariyamiriza ihonyangwa ry’amategeko agenga ingene imanza ziraburanishwa nk’itegeko rya 14 na 230. Umushingwamanza Gustave Niyonzima arerekana ingene ayo mategeko ariko arahonyangwa muri iyo dossier y’ubutungane, ariko anyegeje imvo za politike.
V. Ibibomoka n’imivo vyahora bibomora amazu mw’ikambi y’impunzi z’abarundi n’abakongomani mu gihugu c’Urwanda vyaragabanutse. Icatumye bigabanuka, ngo n’ukwo ibiti vyatewe muri iyo kambi kuva mu mwaka wa 2018 vyakuze, bitsindagira isi vyongera bikinga umuyaga wahora utwara amazu.
VI. Umugwi wa Bumamuru wo mu ntara ya Cibitoke ni wo uri mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi.  Muri basketball naho, imigwi izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino zitangurira ihiganwa rya basketball mu Burundi ni Dynamo, New Star, les Hippos na Remesha.

Ibindi bisa n'ibi