I. Colonel Alfred Innocent Museremu yarahagaritswe ku buyobozi bwo kurongora igisata c’iperereza, hari kuri uyu wa mbere. Amakuru dukura muri bamwe mu bakozi b’iperereza, yemeza ko ejo ari ho yahamagawe mu buyobozi bw’iperereza ku rwego rw’igihugu, imbere yo kurekurwa. Ayo makuru nyene yemeza ko ibikoresho vyiwe vy’akazi babifashe harimwo imachine. Bakaba boba banahaye itegeko Museremu ryo kutongera guhonyoza ikirenge mu biro vy’iperereza. Ubu akaba acungishijwe ijisho.
II. Inteko z’abarundi mu rwego ATMIS mu gihugu ca Somaliya bagiye kugabanywa igitigiri c’amajana ane, kugeza mu kwezi kwa gatandatu. Ku rubuga, bimwe mu birindiro bikaba biriko birasubizwa. Bitegekanijwe ko ata musirikare n’umwe mvamakungu azoba akiri muri Somaliya mu mpera z’umwaka wa 2024.
III. Imvugo y’umukuru w’igihugu avuga ko abarundi badakenye, ifatwa nk’imvugo y’agashinyaguro. Abanyagihugu bavuganye na Radiyo Inzamba bavuga ko bisigaye bigoye n’uko bobivuga, kuko ibiciro vyaduze ku rugero rudasanzwe.
IV. Umukuru w’igihugu ntiyarakwiye kwifatira mu gahanga abanyagihugu arongoye, mu kubita ibigugu. Ivyo bishikirizwa na Epitace Nshimirimana, avugira umugambwe MSD. Ku bwiwe, abategetsi b’Uburundi bakwiye kwiyegereza abo barongoye, kugira batorere hamwe umuti w’ingorane zihanze igihugu.
V. Abayobozi b’amashure 57 bo mu ntara y’indero ya Kayanza ni bo bakombowe mu mabanga yabo, muri bino bice bibiri vya mbere vy’umwaka w’ishure. Bamwe bakaba bazize kuba badashoboye imirimo bashinzwe, n’ubundi bubegito nko gukoresha nabi ubutunzi bw’amashure n’ibindi. Ivyo buramatari w’intara ya Kayanza, Remy Cishahayo, akaba yabishikirije kuri uno wa mbere, muri komine Gatara mu nama yagiranye n’abarongoye ubuzi butandukanye mu ntara.
VI. Leta y’Uburundi isaba ubushikiranganji bw’ikigega ca leta kwisunga imigambi igihugu cashize imbere mu gutunganya amafranga leta izokoresha mu mwaka wa 2023-2024. Ivyo bikaba vyasabwe mu nama nshikiranganji idasanzwe, yabaye kuri uyu wa mbere uheze, igihe abashikiranganji bariko bariga ibijanye n’amafranga leta izokoresha. Bishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa leta, ijwi ryiwe tukaba turikesha radiyo Isanganiro.