I. Ibisigarira bitandatu vy’abasirikare b’abarundi baguye mu gitero c’aba Shebab giheruka mu gihugu ca Somaliya iyo bari kugarukana amahoro, vyaratowe kuri uyu wa kabiri. Ivyo bisigarira vyatowe n’abasirikare b’Uburundi mu ntambara zo gusubira aho Cell-Baraf bafashe, bagerageza gutahukana ibisigarira vy’abasirikare bahasize ubuzima. Amakuru atangwa n’abasirikare bari muri ico gikorwa, avuga ko hari n’ubu ibisigarira vy’abandi basirikare bitarashobora kuboneka.
II. Abantu bari mu migambwe itavuga rumwe na leta y’i Bujumbura barabandanya kwicwa, kunyuruzwa no gupfungwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo tubisanga mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa gatatu n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch. Mu matohoza yakozwe na HRW, basanze abakora ayo mabi ari bamwe mu nzego z’umutekano, iperereza hamwe n’imbonerakure.
III. Dr Christophe Sahabo agiye kurara ijoro ryiwe rya kabiri mw’ibohero rikuru rya Mpimba inyuma y’imisi 45 yari amaze mu gasho k’ibiro bikuru vy’iperereza. Mu vyaha bigera kuri bitanu yagirizwa, ivyaha bibiri gusa ni vyo bitegekanwa n’igitabo mpanavyaha c’Uburundi. Bisigurwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima yanonosoye amategeko. Ku bwiwe, ngo iryo pfungwa rinyuranywe n’amategeko. Me Gustave Niyonzima.
IV. Uyo mushingwamanza arongera akerekana ko iyo dossier yaranzwe n’uguhonyanga amategeko yo mu gitabo gitegekanya ingene imanza zicibwa, code de procedure pénale, avuga ko ari dossier ya politike gusumba i dossier y’ubutungane. Me Gustave Niyonzima.
V. Amakenga ni yose mu bakozi bo mu gisata kijejwe gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu hagati. Ayo makenga akaba afatiye kw’itunganywa nabi ry’akazi muri ico gisata, hamwe n’itangwa ry’amasoko hadakurikijwe amategeko. Abo bakozi bakaba badomako urutoke abayobozi bakuru batatu, bakora muri ico gisata, ko ari bo baza kw’isonga muri ayo manyanga. Ivyo biri mu rwandiko bashikirije umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka aho bamusaba kubogoza abo bayobozi.
VI. Aborozi bo mu karere k’uburaruko na cane cane mu ntara ya Ngozi baragabishwa kutabaga canke kudandaza inyama z’inka muri kino gihe hateye indwara itaramenyekana kuri ivyo bitungwa. Ivyo bishikirizwa n’umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ubworozi Nkurunziza Serges, mu rugendo yagize muri iyo ntara kuri uyu wa gatatu. Arahamagarira abajejwe intwaro na cane cane abaganga b’ibitungwa gukurikiza amabwirizwa yo kwirinda ico kiza, mu ntumbero yo kubuza ikwiragizwa ry’uwo mugera.
VII. Haravugwa umugwi w’impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya uriko urategurwa n’ubutegetsi bwa Tanzaniya, kugira ngo uzoje mu Burundi kuraba uko umutekano wifashe hanyuma ugaruke kubwira impunzi gutahuka. Ivyo bikaba vyiyamirizwa n’impunzi ngo kuko umwe wese azi ico yahunze.