Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/06/2020

Publié le 18 juin 2020 par Rédaction

I. Kuri uno wa kane, niho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarahira mu mabanga yo kurongora igihugu c’Uburundi. Mw’ijambo yashikirije, yamenyesheje ko agiye kubandaniriza aho Petero Nkurunziza yagejeje, mu guharanira ineza y’abarundi. Ngo ingorane zose Uburundi bwagize, zaturutse ku bakoroni.

II. Haribonekeza uruhigi ruriko rukorerwa abasirikare b’abadereva b’imodokari, bahoze mu gisirikare ca kera Ex-FAB. Bariko bakurikiranwa n’igisata kijejwe ububiko mu gisirikare G4. Bagirizwa ko imodokari bagendesha, zanyoye igitoro kirenze urugero muri uku kwezi guheze kwa Rusama. Abo basirikare bavuga ko imbere yo kuja kunywesha igitoro, impapuro berekana kugira bakironswe ziterwako umukono n’ababatwara, kandi ko n’ingendo bakora ziba zategetswe n’ababarongoye.

III. Ibiraro bitanu kuri indwi vyahora bikikuje ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, vyarabomowe kuri uyu wa mbere, kw’itegeko ry’umukuru w’iyo kambi y’impunzi. Mbere n’impusha ziha uburenganzira impunzi kuja kurangura hanze y’ikambi, yamenyesheje ko zitazosubira kuboneka. Izo mpunzi zikabona ko ari agatotezo bagirirwa, mu ntumbero yo kubatuma bahunguka ku nguvu.

IV. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarahiye kuri uyu wa kane, agiye gukorana n’inzego ziri mu kajagari. Uyo n’umwihwezo w’umushingwamanza Janvier Bigirimana, yanonosoye ibijanye n’amategeko. Afatira ku kuntu uyo agiye kurongora igihugu, arahiye kandi hari inzego zitaratorwa, hamwe n’uko hari inzego zikiri mu mabanga, zatowe hisunzwe ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka wa 2005. Kubwiwe, hamwe inzego nshasha zisunze ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka wa 2018 zitoshirwaho vuba, igihugu kizoba gitwawe mu bintu binyuranye n’amategeko.

V. Birateye isoni kubona uwitwa ko ajejwe kubahiriza abanyagihugu ariwe abomora, nk’ivyabaye mu Kayogoro mu Ntara ya Makamba, aho musitanteri yasambuye inzu y’umupfakazi. Ico vyavuyeko, yamwagirije ko yatoye umugambwe CNL. Uyo musitanteri ni Misago Zachée anasanzwe yaratowe kuba umushingamateka mu misi iza. Umushingwamanza Gustave Niyonzima arasaba ko uyo mupfakazi w’imyaka 70 asubizwa iteka ryiwe, agasubizwa aho yaba.

Ibindi bisa n'ibi